


Amwe mu mafoto y’abateye n’abatewe. Urwaruka rwinshi ruriko rurahendwa rukicwa nk’inyamaswa kandi rukihakanwa. Waba urwanya reta canke ushigikiye reta bikumarira iki wise mugenzi wawe? Uratera ukicwa nabo muri kumwe ataco ushitse baguhenze ngo urwaniye igihugu. Nta gihugu wa rwaniye ahubgo wacitse icambo, umusiba kw’igera ry’umunyepolitike yagutumye akigira inyungu ziwe.
Baguhenze ngo ahuko amaraso yawe amenekera ubusa yotuma yigira igihugu. Ntagihu wiguze ahubgo upfuye kabiri kuko kubera ubuswa n’ubu juju wizeye ikinyoma c’abanyavyaja uzoja mu muriro udahera. Harageze yuko Abarundi baca ubgenge kuko ntabuhizi burimwo mu kwica no kwicwa ubuzima bugagerera aho nyene.
Uja mu muriro udahera iyo uvuze yuko wihanye kandi usenze mugabo ugiye gukora icaha co kwica. Umuhinga arihana agatunganya ingeso ziwe maze akarindira ico Uhoraho Imana imutuma gukora. Amen.