Umuganwa Rugema ati mu Burundi nta bgoko buhari hari imiryango.Abantu ni barengere amacakubiri.

UMUGANWA RUGEMA ARASIGURA IVY’AMOKO MU BURUNDI ATI: ABARUNDI TUGIZWE N’IMIRYANGO NTITUGIZWE N’AMOKO! Barundi BarundikaziBashingantahe Bapfasoni namweRwaruka rwarukiye mu mananiza y’Uburundi, Abazungu mukudutandukanya mu moko y’Abaganwa, Abahutu, Abatutsi n’Abatwa kwari ukugira biborohere kudutwara no kuduteranya!Imbere yuko abazungu baza mu Burundi ku Mwami MWEZI IV GISABO, ayo moko ntayarariho, havugwa imiryango kandi umuryango wose warufise ibanga ujejwe […]