
IBIRANGA UMUVUGISHWA W’UKURI.Muri iyi minsi mu gihugu cacu c’Uburundi no hirya no hino kw’isi huzuye ubuvugishwa bginshi bumwe bg’ukuri n’ubundi bg’ibinyoma. Ihanga Ryera ry’Imana ryabateguriye ibiranga umuvugishwa n’Imana w’ukuri n’ibiranga umuvugishwa w’ibinyoma kugira ngo nti mugwe mu dutego twa satani, ngo mwiyahure canke musange mwizereye ubusa kuko hariho abiyita abavugishwa n’Imana kandi ataribo.Turakunze kwumva ngo dutandukanya ubuvugishwa bg’ukuri n’ubuvugishwa bg’Ibinyoma iyo bushitse. Ukwo ni ukuri mugabo siko vyama bimeze. Muri iyi myaka hariho abavugishwa benshi basubiramwo ubuhanuzi bumvanye abandi ariko bo ataco bahawe. Hariho n’abandi benshi bafise ingabirano zitava ku Mana Uhoraho bavugishwa bakerekwa; hakaba n’abakoresha ubuhinga butandukanye bgo kubona kazoza co kimwe n’abanyamareba. Abo bose baratanga ubuhanuzi bga kazoza, bg’ukuri kuko bushika, kandi batatumwe n’Uhoraho Imana yo mw’ijuru. Aha twobabgira nkabo bita aba [Psychs] bakoresha ivyiyumviro bihanitse maze bakabona muri kazoza, aba [Astrologues] bakoresha inyenyeri bagasoma kazoza, abapfumu n’abandi banyamareba bakoresha impwemu zihumanye zibabgira ibiri muri kazoza. Abo bose barashobora kukubgira ikintu kikaba uko nyene kandi atari Imana yo mw’ijuru yabibahishuriye. Murakeneye rero kumenya ubudasa bg’abavugishwa n’ubuvugishwa bg’ukuri buturuka ku Mana, muka butandukanya n’izindi nyereko.Inzira y’ukuri womenyamwo umuhanuzi w’ukuri aturuka k’Uhoraho Imana ni ukumupimisha ijambo ry’Imana ryonyene ryanditse muri Bibiliya Yera. 1. Umuvugishwa n’Imana aba umunyakuri kuko ivyo avugishwa birashika [ Gusubira muvyagezwe 18:21-22]2. Umuvugishwa n’Imana aronka ubuvugishwa, inyereko n’inzozi zivuye ku mana. [Guharura 12:6], 3. Umuvugishwa n’Imana ari mw’iyerekwa amaso yiwe y’umutima n’ayo umubiri aba yuguruye. [Guharura 24:4 na 24:16]4. Umuvugishwa n’Imana ari mw’iyerekwa ntakoresha mpwemu wiwe canke umutima wiwe, hari naho impwemu ahema zihagarara [Daniyeli 10:17] 5. Umuvugishwa n’Imana ariko aravugana n’Uhoraho aratakaza inkomezi akagwa hasi [Daniyel 10:17],6. Umuvugishwa n’Imana akozweko ari mu nyereko aronka inkomezi zidasanzwe [Daniyeli 10:18],7. Umuvugishwa n’Imana atanze ubuhanuzi buba ukuri 100% nta gatotsi kabubamwo ngo urumva habaye ibi n’ibi kuko Imana ntiyihenda [Yeremiya 28:9], 8. Umuvugishwa n’Imana ntiyigera avuga ivyo yiyumvira ubuhanuzi bgoba busigura. Avuga ico Imana yahishuye gusa [2 Petero 1:20], 9. Umuvugishwa n’Imana yama ashira icubahiro c’Imana imbere, ntiyigera yishira hejuru ngo arondere ivyubahiro n’inyungu ziwe na rimwe. [2 Petero 1:21], 10. Umuvugishwa n’Imana yama atera intege, azana umuvyuro n’umunezero mw’Ishengero n’intahe ziwe zikaba izo impanuro [1 Abikorinto 14:3-4], 11. Umuvugishwa n’Imana arubaha kandi akubahiriza ivyagezwe vy’Imana. Ntaba umunyavyaha kandi ntagira umugararizo. [Yesaya 8:20], 12. Umuvugishwa n’Imana ni uwizera ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo kandi akamushingira intahe [1 John 4:1-3], 13. Umuvugishwa n’Imana agira ibikorwa vyiza mu kibano ciwe bose bakamubonako ivyamwa vya Mpwemu Yera [Matayo 7:15-20], 14. Umuvugishwa n’Imana ashobora kuba umukenyezi canke umugabo kandi bahanurira abera bose [Mirriamu: Kuvayo 15:20, Debora: Abacamanza4:4, Huluda: 2 Ingoma 34:22, Anna: Luka 2:36, Umukobga wa Filipo:Ivyakozwe n’Intumwa 21:8-9] 15. Umuvugishwa w’Imana ava mu bantu b’imyaka itandukanye [Ivyakozwe n’Intumwa 2:17-18], 16. Umuvugishwa n’Imana ntarangwa no gukora ibitangaza. Ico sico kiranga umuvugishwa w’ukuri [Matayo 24:24-25]Mu ncamake hari ibintu 7 umenyerako umuvugishwa w’ukuri:1) Yarasizwe amavuta yo kuvugishwa kandi ubuzima bgiwe yabuhaye Imana. 2) Afise imbuto zo kugororoka n’ingabire za Mpwemu Yera3) Ashize amanga mu kwigisha no kubgiriza.4) Yuzuye ukudatinya kandi yuzuye n’uguca bugufi 5) Akunda Yesu kristo vy’ukuri n’ukugororoka.6) Ntarondera kumenyekana, ivyubahiro n’amaronko.7) Atonze urugamba rwo gusenga kand asengera abandi.Ubukurikira tuzobereka abahanuzi b’ibinyoma n’ubuhanuzi butava ku Mana Rurema.
[…] via IBIRANGA UMUHANUZI W’IMANA W’UKURI — Ihanga Ryera ry-Imana […]
J’aimeJ’aime