YESU KRISTO ni izina rirengeye ayandi mazina yose.

Aha kw’isi hariho amadini menshi. Amwe ashira imbere abantu bita imana zabo canke intumwa zabo maze nya mana zabo bakazita amazina atandukanye. Muri ayo madini menshi, harimwo n’ayandi madini yemera Yesu Kristo mugabo nayo nyene akaba afise ubutandukane bunini mu vyizerwa, iminsi yo gusengerako, kugendera ku vyagezwe n’ibindi… Ikintu gitangaje cane n’uko bakoresha Bibiliya Yera […]