Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana mugihugu ca Kenya.

IHANGA RYERA RY’IMANA MU GIHUGU CA KENYA.
Nkuko tumaze iminsi tubashikiriza ibikorwa bitandukanye vy’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana mu gihugu no mu mahanga, uyu munsi twagomba tubamenyeshe yuko mu gihugu ca Kenya tuhafitiye intwari za Yesu Kristo zama ziteramiye ISEZERANO ku gihugu no mw’ishengero Imana Uhoraho yahaye abamwubaha. Ubutumwa buvugwa, ingendo ni yayindi ni ugutumbereza abaremwe bose ku musaraba wa Yesu Kristo kugira ngo bazoje mw’ijuru.No mubihe bigoye vy’ikiza baraterana bubahirije amategeko y’igihugu.Iki ni igihe co gutumbera uwo musaraba wa Yesu Krito wa jejese amaraso kugira ngo ducungurwe. Abacikisha ubusa uyo musaraba ni ibivume kuko baba biyankishije urukundo rw’Imana. [Yohana 3:16]. Inzira yo gushikira umusaraba ni:1. Ukwizera Yesu Kristo kuba Umwami n’Ucunguzi w’ibugingo bgawe. Ntayinzi nzira n’imwe ibaho ijana mu bugingo budashira kuko niwe nzira n’ukuri n’ubugingo [Yohana 14:6]. Uwizera iyindi nzira iyariyo yose ari mu buzimire akwiriye gutahura akihana akagaruka canke ni wa mwana wo kuranduka. [ Yohana 17:12]2. Ukwihana, ukwiyeza no kureka icaha n’akaha. Hazobona Imana abera bacunguwe n’amaraso y’Umwagazi w’intama gusa. Si ibikogwa vyawe vyiza, si ivyagezwe, si inyigisho za tewokarasi, si n’idini canke ishengero ryawe bizokujana mw’ijuru mugabo ukwihana maze ukwezwa n’amaraso ya Yesu kristo. Hazoja mw’ijuru abacunguwe gusa. Ivyagezwe vy’Imana ushoboye kuvyitondera vyose wobaho neza hano mw’isi, ukagira amagara meza n’imigisha. [Kuvayo 20:1-21 na Gusubira mu vyagezwe 5:1-23] Tahura iki. Icagezwe cose gifise intumbero kikagira n’igihano caco. Akarorero: -(a). Wubahe so na nyoko kugira ngo uzoje mw’ijuru? Oy ani kugira ngo urambire mu gihugu. [Kuvayo 21: 12]. -(b). Wibuke kuziririza umunsi w’Isabato kukira ngo uzoje mw’ijuru? Oya, kugira ngo kibe ikimenyetso c’ukwera kw’Imana [Kuvayo 20:11] -(c). Ntukibazire ibishushanyo ngo wongere uvyikubite imbere kugira ngo uzoje mw’ijuru? Oya kuko nd’Imana ifuha mpora abana ibigabitanyo vya ba se [Kuvayo 20:4-6] Ariko raba “kubgo urukundo Imana yakunze abari mw’isi, catumye atanga umwana wayo w’ikinege kugira ngo uwumwizera wese azoje mw’ijuru? Ego, kugira ngo uwumwizera wese ntapfe rubi, ahubgo ahabge ubugingo budashira, aje mwijuru kwa Data mubaho MILELE NA MILELE [ Yohana 3:16]. N’ivyagezwe vy’abantu n’amaleta uvyubashe neza vyose wobana n’abandi neza atankomanzi. [Matayo 22:21 na Abaroma 13:] Ariko uwogejwe n’amaraso ya Yesu Kristo abana neza n’Imana, agasasagara mw’isi, akabana neza n’abantu bose akongerwa iteka n’itekane ryo kuragwa ijuru. Kwizera Yesu Kristo ni kimwe kirimwo vyose na hose, Amen. [ Ivyahishuriwe yohana 7:14 na 22:14, Yesaya 1:18Matayo 26:28, Abaroma 3:25, Abayefeso 2:13 na 9:22] ““Nkuko ivyagezwe biri, ibintu ni vyose vyozwa n’amaraso. Kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha” [Abaheburayo 9:22, Abalewi 17:11, Abayefeso 1:7] Uwudatahura iryo banga akizera ibindi aba akirimwo ubumara bga ya nzoka.
3. Mushitse ukugororoka kwose mu kubatizwa, mw’isangire ry’abera mwibuka igikorwa Umwami Yesu yakoze ku musaraba (Kubabazwa, gupfa, guhambga no Kizuka) ntimugahindure ubusa iryo shimikiro ry’abera bose. Uruvyaro rw’inzoka na sikoropiyo rugerageza kwibagiza aba-Kisto iryo bgirizwa, kubaburabuza kugira ngo ntibarishitse canke bakabasamaza mukubigisha ibindi bitagira kamaro. Umubatizo ni igikorwa gihambaye mu buzima bg’uwizera. Uruhimbi, imeza y’Umwami Yesu ni umuhango w’iteka kubakijijwe. “Uwizera akabatizwa azokizwa” [Mariko 16:16] “Abantu bose bihane maze babatizwe mw’izina rya Yesu Kristo kugira ngo baharirwe ivyaha vyabo” [Ivyakozwe n’intumwa 2:38]
4. Musengerwe mwuzuzwe Mpwemu Yera. “Babarambikako ibiganza, bahabga Mpwemu Yera” [Ivyakozwe n’intumwa 8:15-17] Kuko muzoba abana b’Imana mu rongorwa Mpwemu wayo. [Abaroma 8:14] Umwungere, icagezwe, ishengero canke intwaro ya tewokarasi siyo ijobajana mw’ijuru. Ikizogushikana mw’ijuru n’uko uzoba waracinguwe bahawe agakiza gatangwa k ubuntu kubgo n’amaraso y’umwana w’Imana, Yesu Kristo. [ Abanyefeso 2:8-8, 2 Abikorinto 5:2]
5. Kuja ku kivi. Abana b’Imana barangwa n’ibikorwa. Koresha amaboko wahawe, koresha ubuhinga wize, ukoreshe umwuga ufise kugira ngo witeze imbere kandi uteze imbere umuryango wawe. Muri ivyo vyose ukora uheshe icubahiro Uhoraho Imana.; ushire hejuru izina riruta amazina yose, izina rya Yesu Kristo mu bikorwa vyawe, ingeso n’inyifato yawe. [Matayo 28:19-20]