Twahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo mu bugingo bgacu mw’izina rya Yesu Kristo

      TWAHAWE IBUBASHSA BGO GUKANDAGIRA INZOKA NA SIKOROPIYO

  1. “Nzoshira inyankane n’uyu mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe.  Ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri” [Itanguriro 3:15] ayo ni amajambo Imana yabgiye inzoka, satani, abadayimoni, n’abanyakibi.
  2. “Ndabahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.” [Luka 10:19] Ayo majambo yayabgiye intumwa ziwe, abamwizera, abamwubaha kandi bitandukanije n’ivyaha.

Kimwe mu bintu bituma abantu bagira ingorane nyinshi ni ukutamenya, ukutagira ico bakoze no kudashikura ivyabo vyanyazwe n’umurwanizi. Icaha cazanye umuvumo wo gukomorwa n’inzoka kubera kutitondera icagezwe n’Imana. Kubera adamu na eva bakoze icaha co kugarariza Imana, ico caha bakagikora bahenzwe n’izoka; iyo nzoka yabariwe n’Imana yuko izokomora agatsintsiri k’umwana w’umuntu mugabo kandi yuko umuntu nawe azohonyora iyo nzoka ku gatwe. Bisigura yuko naho satani yoguteza ingorane zingana gute wahawe ubushobozi bgo ku zinesha no ku munesha. Bisigura kandi yuko naho isi yoshaka ku kunaniza, wewe urafise inkomezi zikwiriye zo kuyibamwo kandi utuje.

Iyo Bibiliye ivuze icagezwe, ntiba ivuze ivyagezwe 10 gusa canke birya 612 gusa Icagezwe c’Imana ni ijambo ryose Uhoraho Imana ategeka umuntu canke Ihanga ryayo. Icagezwe ni ijambo ryose Yesu Kristo atubgira kwitondera kandi ni ijambo ryose Mpwemu Yera atubgira kwubahiriza. Iyo utitondeye ijambo ryose ry’Imana uba ukoze icaha kandi kigira ingaruka. Muri Bibiliya harimwo ivyagezwe kandi iminsi yose turaronka amabgirizwa atubarira uko dutegerezwa kugenda muri iy’isi y’ikinyavyaha.

Guhonyora umutwe w’inzoka ni ukwitondera ico ijambo ry’Imana rivuga bigatuma satani n’ibikoresho vyiwe batagira ububasha kuri wewe. Uyu munsi abantu benshi barakomowe na ya nzoka kandi bibagiye yuko bafise umuti wo kwigombora n’ububasha bgo gufyonda umutwe w’iyo nzoka.

  1. Gukomorwa agatsintsiri

 Gukomorwa agatsintsiri n’iruvyaro rwinzoka ni ukurwa mu mageragezwa n’imibabaro uterwa n’ubugunge bga wa mubi n’ibikoresho vyiwe:

– Ukwemera inyigisho z’ibinyoma zihagarara ku gice c’umurongo wa Bibiliya kugira ngo zikwambure ububasha bgawe ni kimwe muvyo satani akoresha mu gukomora abantu b’Imana. Arakwibagiza yuko ufise ubushobozi mw’izina rya Yesu kristo, akakwereka yuko Imana yaguhevye canke yuko waremewe guhahazwa no kuganzwa. Izo nyigisho zikoreza abantu ibiti n’amabuye zikakwibagiza yuko wahawe isezerano. Soma [GUSUBIRAMUVYAGEZWE 28:13]

– Uguterwa ingwara n’abadayimoni ni ugukomorwa ku gatsintsiri. Uyu munsi abantu benshi barakubagiwe n’impwemu mbi zibaganza zikabakoresha ivyo zigomba. Hariho abafise ingwara zidakira n’abandi bama baragwaragurika. Barakwiriye gukira mw’izina rya Yesu kristo. [Luka 4:18]

– Ukwicwa n’indwara, ukwicwa n’impanuka no gupfa giturumbuka kubera amarozi n’amangetengete n’igikorwa ca satani. Kiretse iyo Uhoraho ashatse ku turandura kubgo ivyaha vyo kugarariza twakoze nayo ahandi Imana yaturemye ngo turambe kuko niryo sezerano yasezeraniye abo ikunda bose [ Zaburi 91:15-16]

– Ukubaho mu bukene, inzara, ukwambarubusa no kubura uburaro n’uburamuko bituruka kuri satani. Keshi ateza abantu ubunebge ahandi akabateza abana b’inzoka na sikoropiyo kubahungabanya. Imana ishaka yuko abayikunda batunga bagatunganirwa, batanga bakagira n’ivyo basigarna. [Itanguriro 12:2]

– Ugutotetezwa no kuburabuzwa ukama mu mu ntureka c’urudaca n’umutekano muke bigatuma wama wicurikiriye kandi wiganyira ni igikorwa c’abadayimini. Ukwama mu ngorane zamaho, kutumvikana n’abandi; ukubura umuryango, ukabura uruvyaro niyo uvyaye nturere si umugambi w’imana ni ubumara buturuka kuri ya nzoka. Ni ukubgigombora kandi tukayihonyora ku gakanu maze umuntu wese akagira amahoro yo mu mutima. [Yohana 16:33]

– Ukwama ufise ivyaha bikwizingirako ntibikurekure ngo widegevye ni ugukomorwa na satani. Hariho abantu bama bazinzwe n’icaha c’ibinyoma, ubusuma, ibusambanyi, uguhahazwa no guhahaza abandi, amacakubiri y’amoko, urukoba, intara, ukudandahigwa, ukuraguza, ugusenga ibigirwamana, kugendana ibiheko, ukwicana n’ibindi ni ivyaha vy’akamashu ka satani, baragerageza kubiheba bikanka kuko bakomowe na ya nzoka. [1Yohana 4:4, Abigalatiya 5:1, Yakobo 4:7]

– Abo bose bagenda barigisha inyigisho z’ibinyoma bagerageza kuzimanganya izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo ngo umuntu yokwicunguza ibikorwa vyiwe bakorera wa mubi kandi barakomora nk’inzoka. Uravye neza barafise ubuyoka bg’ubgiyorobetsi n’uburyarya ngo “Rero basha, izi nyigisho mu zumvirize neza, muzisome neza kuko ntahanzi muzozisanga”. Ego izo nyigisho ntahandi muzozisanga kuko nti ziri muri Bibiliya Yera, si ihishurirwa rivuye kuri Mpwemu Yera kuko ni inyigisho z’ubuzimire. Muzozisangamwo ukwishira hejuru, ukwiyimika ngo yinganishe n’Imana vyatumye akororwa nk’umuravyo avuye mw’ijuru. [2 Abikorinto 11:14 na Luka 10:18, Itanguriro 3:5]

– Abo bose bahahaza abandi, bababeshera, bakabatoteza, bakabangaza bakanabica ni abakomowe na Satani. Abo bose bakoresha igikenye, abarozi bakoresha uburozi, ibihano n’amareba, abarara ku mugono abandi ngo ba banyage, ba basahure utwabo, ngo babasinzikarize ubuzima, abaturubika abandi, abagenda baratunga intoke abandi babagiriza ibinyoma, n’abo bose bakoresha ububisha ku bantu, ku bikoko, ku bitrrwa n’ ku bintu barimwo ubumara bga ya nzoka kandi bakwiriye gusomorwa. [Zaburi 94:21-23, Matayo 12:44-45]

B. Ububasha bgo gukandagira inzoka na skoropiyo

Abantu uyu munsi baraguye mu mutego w’ibisamaza vy’iy’isi. Ivyo navyo ni za telephone, za television, imihora itandukanye n’ibinyamakuru bibereka iki na kiriya. Ibihimbaro vy’umubiri bisamaza abantu gushika naho bibagira  uburenganzira n’ubushobozi bahawe bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo kugira ngo bidegemvye muri ubu buzima.

  1. Satani akwibagiza yuko ufise ijambo ry’ubushobozi butangaje mu kanwa kawe. Bamwe n’iyo barikoresheje biyaturako ibibi ca kirwanishwa bahawe bakacihindukirizako. [ Imigani 18:21 no Gusubiramuvyagezwe 30:15-19]
  2. Satani akwibagiza gutazira no gusenga kuko mu gutazira no mu gusenga harimwo ubushobozi budasanzwe bgo gutsinda ibigeragezo n’intambara zose ziva kuri wa mubi. Ikirwanishwa ca mbere satani n’abadayimoni batangura ku kwambura ni uguca bugufi ukaja ku mavi kugira ngo usenge Uhoraho Imana. [ Matayo 7:7, 21:22 na Mariko 11:24]
  3. Satani akwibagiza ijambo ry’Imana n’amasezerano yawe Uhoraho Imana yagusezeraniye, ayari muri Bibiliya Yera nayo wahawe biciye mu bavugishwa no mu nyereko, inzozi n’ijambo. [Yesaya 41:13, 43:2, 54:10, 54:17]

Koresha ubgo bushobozi wahawe kugira ngo wiganzure ingoyi za satani n’intumwa ziwe. Twese duhaguruke turwanire agateka kacu.

C. Ugusomorwa ubumara bg’inzoka na sikoropiyo

Umuganwa canke samuragwa iyo akiri muto, ari umwana aba ari mu kutamenya ntaho aba ataniye n’umugurano naho aba ariwe nyene ibintu. Nico kumwe n’aba-Kristo bari mu kutamenya, abajakariye ivyo mw’isi bakibagizwa uburenganzira bgabo, abagafashwe n’impwemu yo kwikengera,  abemeye inyigisho z’ibinyoma, abazinzwe n’impwemu y’ubunebge n’iyo kutagira ico bakoze. [Ab’I Galatiya 4:2-7] Aba-Kristo dukwiriye twese kwikangura tukagira ico dukoze.

– Nta muntu n’umwe akwiriye kuganzwa n’abadayimoni (abaganza, abararama, amahembe, n’ibitega, ubupfumu, uburozi n’izindi nkomezi z’umwiza) muri twebge. Twarahawe ububasha n’ubushobozi bgo kubitsinda no kuvyirikana mu bantu.
– Nta muntu n’umwe akwiriye kwicwa n’uwundi canke n’igikoko, kwicwa n’ishano, kwicwa n’amarozi, kwicwa n’impanuka canke ibindi vyerekana kubura uburinzi muri twebge. Dufise uburenganzi bgo gushikira Imana tugahabga uburinzi.

– Nta muntu numwe akwiriye gusonza, kwambara ubusa no kuba mw’ibarabara muri twebge. Twahawe amaboko n’ubgenge bgo gukora no gufasha abandi.

– Nta muntu n’umwe akwiriye kuganzwa n’icaha icarico cose (ububeshi, ubusuma, ubusambanyi, indandemde, akaborerwe, urwanko, ubgicanyi,gutukana, gushangashirwa…) muri twebge kuko twahawe kuba abidegemvya.

– Nta muntu n’umwe akwiriye kugwa mu dutego tw’inyigisho z’ibinyoma, inyigisho z’umugararizo, inyigisho z’abacokoranyi n’amayeri ya Satan muri twebge kuko dufise ijambo ry’Imana kandi twarahawe Mpwemu Yera ngo aturongore.

Uyu munsi, abantu benshi, Abarundi hirya no hino mu gihugu cacu no mu mahanga barakomerekejwe n’abana b’inzoka. Barakomowe ubumara bgashitse no mu mitima kuko babuze gisomora.  Abantu barabuze umuti w’ukuri kubera urujijo rwatewe na ya nzoka. Abantu babuze inzira y’ukuri baca barajuragirika.

D. Yesu Kristo niwe nzira n’ukuri n’ubugingo

Harageze yuko twese duhaguruka kugira ngo dukandagire ya nzoka ku gakanu, ya nzoka y’ibinyoma, ya nzoka y’urujijo, ya nzoka iteza ingwara no kubohwa. Tuyifyonyore ku mutwe maze abana b’Uhoraho Imana bidegemvye. Twese dutumbere inzira y’ukuri, inzira y’UMUSARABA wa Yesu Kristo, atari mu madini no mu bishusho mugabo mu kuri no mu Mpwemu. Ihanga ry’Imana rya isirayeli riri mu bugaragwa ryabuze ubgenge riridodomba maze inzoka zirabakomora. Imana yabgiye Mose kumanika inzoka y’umuringa maze abayirangamije bose bagasomoka ubumara. [Guharura 21:9]

Hanga ry’Imana uyu munsi rirera kubera ryejejwe n’amaraso ya Yesu Kristo. Ca giti cashingwako inzoka y’umuringa urunganwe rw’uyu munsi carabashingiwe rimwe rizima kimanikwako Yesu Kristo, Umwana w’Imana. Witonde utahure neza, nticamanitsweko inzoka y’umuringa, camanitsweko umwana w’Imana, Imana yigize umuntu kugira ngo acike ikivume ku bgacu. Hari umuntu muzima yohindura ubusa urwo rukundo rutangaje rw’Imana yacu!

Iki ni igihe co gutumbera uwo musaraba wa Yesu Krito wa jejese amaraso kubgo umuntu wese yaremwe kugira ngo ducungurwe. Abacikisha ubusa uyo musaraba ni ibivume kuko baba biyankishije urukundo rw’Imana. [Yohana 3:16].

Twarahawe inzira yo gushikira umusaraba ya nzoka n’ibikoresho vyayo bagerageza gusibanganya no kunyegezabakoresheje inyigisho z’ibinyoma no kuza amananiza n’ibice mu bantu kugira ngo ntibatumbere ukuri. Ibintu bitanu bihgushitsa ku musaraba bigatuma uhagarara ku mutwe way a nzoka.

  1. Ukwizera Yesu Kristo kuba Umwami n’Ucunguzi w’ibugingo bgawe niyo ntambge ya mbere nziza umuntu wese ashobora kugira. Ntayinzi nzira n’imwe ibaho ijana mu bugingo budashira kuko niwe nzira n’ukuri n’ubugingo [Yohana 14:6]. Bibiliya niryo jambo ry’Imana kandi kwizera Yesu Kristo yuko ari umwana w’Imana yaje kw’isi gupfira abaremwe kugira ngo n’uwuzopfa azozuke aje mw’ijuru kubana n’Imana nirwo rufatiro rw’umu-Kristo wese. Uwizera iyindi nzira iyariyo yose ari mu buzimire akwiriye gutahura akihana akagaruka ataruko ni wa mwana wo kuranduka. [ Yohana 17:12]
  2. Ukwihana, ukwiyeza no kureka icaha n’akaha niyo ntambge igira kabiri y’uwizera. Hazobona Imana abera bacunguwe n’amaraso y’Umwagazi w’intama gusa. Abo ni abizeye Yesu Kristo hanyuma bakihana ivyaha vyabo nawe akabibabarira vyose. Si ibikogwa vyawe vyiza, si ivyagezwe, si inyigisho za tewokarasi canke izindi, si n’idini canke ishengero ryawe bizokujana mw’ijuru mugabo ukwihana maze ukwezwa n’amaraso ya Yesu kristo. Hazoja mw’ijuru abacunguwe gusa.

Ivyagezwe vy’Imana ushoboye kuvyitondera vyose wogendana n’Imana kandi wobaho neza hano mw’isi, ukagira amagara meza n’imigisha. [Kuvayo 20:1-21 na Gusubira mu vyagezwe 5:1-23] Icagezwe cose gifise intumbero kikagira n’igihano caco. Akarorero:

 -(a). Wubahe so na nyoko kugira ngo uzoje mw’ijuru? Oya, ni kugira ngo urambire mu gihugu. [Kuvayo 21: 12].

 -(b). Wibuke kuziririza umunsi w’Isabato kukira ngo uzoje mw’ijuru? Oya, ni kugira ngo kibe ikimenyetso c’ukwera kw’Imana [Kuvayo 20:11]

 -(c). Ntukibazire ibishushanyo ngo wongere uvyikubite imbere kugira ngo uzoje mw’ijuru? Oya, ahubgo kuko Imana ifuha ihora abana ibigabitanyo vya ba se… [Kuvayo 20:4-6]

-(d)Ariko raba “kubgo urukundo Imana yakunze abari mw’isi, catumye atanga umwana wayo w’ikinege kugira ngo uwumwizera Yesu Kristo wese azoje mw’ijuru? Ego cane, kugira ngo uwumwizera wese ntapfe rubi, ahubgo ahabge ubugingo budashira, aje mwijuru kwa Data kubaho ubuzima budashira [ Yohana 3:16].

N’ivyagezwe vy’abantu n’amaleta uvyubashe neza vyose wobana n’abandi neza atankomanzi. [Matayo 22:21 na Abaroma 13:]

Uwogejwe n’amaraso ya Yesu Kristo abana neza n’Uhoraho Imana, agasasagara mw’isi naho hari ibimugora, akabana neza n’abantu bose akongera akaba afise iteka n’itekane ryo kuragwa ijuru. Kwizera Yesu Kristo ni kimwe kirimwo vyose na hose, Amen. [ Ivyahishuriwe yohana 7:14 na 22:14, Yesaya 1:18Matayo 26:28, Abaroma 3:25, Abayefeso 2:13 na 9:22]

Nkuko ivyagezwe biri, ibintu ni vyose vyozwa n’amaraso. Kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha” [Abaheburayo 9:22, Abalewi 17:11, Abayefeso 1:7] Uwudatahura iryo banga akizera ibindi aba akirimwo ubumara bga ya nzoka.

  • Gushitsa ukugororoka kwose mu kubatizwa no mw’isangire ry’abera mu kwibuka igikorwa Umwami Yesu yakoze ku musaraba (Kubabazwa, gupfa, guhambga no Kizuka) ni intambge ihambaye mu buzima bg’uwizera. Ntimugahindure ubusa iryo shimikiro ry’abera bose. Umubatizo ni igikorwa gihambaye mu buzima bg’uwizera. Uruhimbi canke imeza y’Umwami Yesu ni umuhango w’iteka kubakijijwe. “Uwizera akabatizwa azokizwa” [Mariko 16:16] “Abantu bose bihane maze babatizwe mw’izina rya Yesu Kristo kugira ngo baharirwe ivyaha vyabo” [Ivyakozwe n’intumwa 2:38]
  • Musengerwe mwuzuzwe Mpwemu Yera mwese kuko ni isezerano twahawe. “Babarambikako ibiganza, bahabga Mpwemu Yera” [Ivyakozwe n’intumwa 8:15-17] Kuko muzoba abana b’Imana mu rongorwa Mpwemu wayo. [Abaroma 8:14] Abantu barakwiriye gutahura neza yuko ibintu vyose vyiza muri uru rugendo bifasha cane mugabo atarivyo bitwara abantu mw’ijuru. Umwungere, icagezwe, ishengero canke intwaro ya tewokarasi canke ubundi buyobozi bgose siyo buzojana mw’ijuru. Ikizogushikana mw’ijuru n’uko uzoba waracunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo. [ Abanyefeso 2:8-8, 2 Abikorinto 5:2]
  • Abana b’Imana barangwa n’ibikorwa. Kuja ku kivi kurondera abazimiye, kuvuga ubutumwa bubohora, bukiza kandi bugasomora imitima nico twahamagariwe. Yesu yadutumye gukwira isi yose gutegura abigishwa biwe. Koresha amaboko wahawe, koresha ubuhinga wize, ukoreshe umwuga ufise kugira ngo witeze imbere kandi uteze imbere umuryango wawe. Muri ivyo vyose ukora uheshe icubahiro Uhoraho Imana.  Ushire hejuru izina riruta amazina yose, izina rya Yesu Kristo mu bikorwa vyawe, ingeso n’inyifato yawe. Amen. [Matayo 22:34-40]

INSOZERO

Abantu bose barakwiriye kumenya yuko atayindi nzira igana mw’ijuru atari inzira y’umusaraba:

“Kuko natwe kera twari ibipfu, tur’intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwipfuza vy’uburyo bginshi, twama tugirwa urwanko n’igono, turabo kwankwa natwe twankana. Ariko ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu bimaze kuboneka. Iradukiza itadukirishijeibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, uko imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubgakabiri, ikadukirisha guhindurwa basha na Mpwemu Yera, uwo yaducuncuburiyeko kubga Yesy Kristo umukiza wacu, kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duca tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’uko ivyizigiro vyacu biri. Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuko utsindagira ivyo ubikoberereje kugira ngo abaizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo vyiza bigira ico bimarira abantu. Ariko impari z’ubupfu no kuzirora iv’akaronda n’imitongano no guharira ivyo muvyagezwe, wame ubizibukira, kuko bitagira ikimazi kandi arivy’ubusa. Uzana ibice ni wamara kumuhanura ubgambere n’ubgakabiri akanka, ntukamwemere kuko uzi yuko amez’atyo agoramye kandi akora ivyaha,yitsindisha.” [Tito 3:3-11]

Haguruke mwese dukandagire inzoka ku gakanu, haguruke dukandagire inzoka na sikoropiyo n’inyigisho zazo z’ibinyoma, dukize indwara zitandukanye ziva ku badayimoni mw’izina rya Yesu, twirinde kandi twirukane ibikorwa bibi bituruka ku bu bisha bga Satani n’abadayimoni bugasesereza ishengero ry’Imana kw’isi n’ibihugu vyacu. Twahawe isezerano n’ubushobozi vy’iintsinzi muri Yesu kristo Umwami n’Umukiza wacu.

Hamwo woba ushaka kwakira Yesu Kristo ukiba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgawe, aka niko karyo uronse. Gira uti: Mana Uhoraho uri mw’ijuru, ndizera yuko Bibiliya ari Ijambo ryawe, ndizera kandi yuko Yesu Kristo ari umwana wawe yavuye mw’ijuru akaza ku ncungura. Yarababajwe, arapfa arahambga maze ku munsi ugira gatatu arazuka mu bapfuye. Mana Uhoraho ndihanye ivyaha vyanje vyose, umbabarire kandi unshoboze simbe nkibisubira, mw’izina rya Yesu Kristo,Amen!”

Urafise utubazo canke urakeneye ubufasha n’amasengesho?

 Twandikire kuri iyo mihora. Umwami Yesu aguhe umugisha.