Umutumiro w’amasengesho wo kuwa 17/06/2020 yo gusambuza ibikorwa vy’amangetengete.
Ihanga Ryera ry’Imana ryatumiriye Ishengero rya Yesu Kristo ryose aho riri kw’isi n’aba-Kristo bose basenga mu kuri no mu Mpwemu gukora Amasengesho yo kwisonzesha y’umunsi umwe kugira ngo batuze mu gihugu no mw’Ishengero ibikorwa vy’amareba vya Satani. Uyu munsi mu gihugu no mu mashengero haravugwa ibikogwa vya satani vyo kwica abantu akoresheje uburozi, ubupfumu, ukuraguza, […]