Ihanga ry’Imana ruhamagarira Abarundi bose na cane cane aba-Kristo kwihana, kwiyeza no kwitunganya

Ihanga Ryera Ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo riri mu Burundi no mu bindi bihugu vyo hafi n’ivyakure. Ntiryisuka mu vya politike n’imigambge mugabo bikurukiranira hafi ibibera hirya no hino kw’isi mu gusesangura ibiriko biraba rikurikije Ijambo ryanditse muri Bibiliya n’iryo Mpwemu w’Imana yahumetse akaricisha mu buvugishwa butandukanye. Kubg’ivyo uburongozi Uhoraho Imana yateye iteka ngo […]