Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana riguma rizana abizera ku kugororoka kwose
Ni twashika mw’ijuru, Imana ntizotubaza igitigiri c’amagorofa twasize twubatse mw’isi. Izotubaza imitima twashikanye ku gakiza. Mw’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana, nti duharura ubginshi bg’abantu dufise mu mashengero, duharura ukwihana vy’ukuri, ukugororoka no kuba muri Yesu Kristo atacaha. Nti turiko turakora urudandanwa ngo turundanye ubutunzi bga hano kw’isi ariko turiko nyabuna turategura umugeni wa Yesu […]