

Muri Église Viante yo kw’ijabe ingorane zamyeho ntaho zagiye n’ubu ziguma ziburuka mbere zikanafata n’ishusho y’amacakubiri y’ubwoko aho havurwa yuko imisore yatumweko ivuye muri Musaga, Nyakabiga na Jabe baje gukosa isoni, gukubita no gusohora ku nguvu umwungere umwungere Therence ngo kubera uko yavutse, bita ubgoko. Umwungere Edmond Kivuye siho akiri yibereye mu mahanga mugabo bakavuga yuko ikiganza ciwe kiri inyuma yavyo. Abarundi ntaco batavuga mbere bakongerako nico batazi.
Mu gihe izo ntambara zarimwo bamwe berekanye yuko bari bazi yuko biri bushike bakihorara, abandi vyabashikiye giturumbuka. Abavuga yuko bazi icatumye intambara zaduka ngo n’uko yasavye ico bita « Audit » yoyo amafaranga aja. Bamwe bakikeka yuko atwarwa hanze. Ntawuzi yuko ingorane ziva mw’Ishengero zija mu gihugu canke ziva mu gihugu zija mw’ishengero. Uwogira inyishu yompa igisubizo.