Ihanga ry’Imana rirateye akamo urwaruka rw’abarundi kwigumya rureke ububisha

Urwaruka ruri mu migambge rubuza abandi kuja mu myiyamamazo yabo.
Umwe mu bakomerekejwe kubera urwanko ruri mu migambge
Urwaruka rwafatanywe ibigwanisho kubera urugomo
Uwavundagaye yanakomerekejwe
Uwundi mu bakomerekejwe

Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana rirakurikiranira hafi ibibera mu gihugu cacu c’uBurundi cose no mu karere k’ibiyaga binini. Riguma risemerera ngo aba-Kristo bose bihane, bitunganye kandi bezwe. Rirasavye rishimitse urwaruka rw’Abarundi kurengera amohe y’abanyepolitike maze rureke ibikorwa vy’urugomo n’ububisha.

Ihanga ry’Imana nkuko ryamye risaba umusirikare wese, umupolisi n’umunyagihugu uwariwe wese yaba uwufise amabanga ya reta canke uwutayafise, guhagararira ukuri, ubutungane n’umutekano kuri bose.

Uhoraho Imana azigame abafise imitima iminetse kandi itunganye n’abahungira mu bgikobeko bg’Isumba Vyose bose.