


Ihanga Ryera Ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo riri mu Burundi no mu bindi bihugu vyo hafi n’ivyakure. Ntiryisuka mu vya politike n’imigambge mugabo bikurukiranira hafi ibibera hirya no hino kw’isi mu gusesangura ibiriko biraba rikurikije Ijambo ryanditse muri Bibiliya n’iryo Mpwemu w’Imana yahumetse akaricisha mu buvugishwa butandukanye.
Kubg’ivyo uburongozi Uhoraho Imana yateye iteka ngo burongore Ihanga Ryera ryayo, burasavye umurundi wese yumvira n’umuKristo wese na cane cane abo mw’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana, kutivanga muvya politike n’ibikorwa vy’ububisha biriko biribonekeza mu gihugu cacu c’UBurundi.
Mwibuke ubuhanuzi n’imburi mwahawe, mwibuke kandi umuhamagaro n’umutumiro mwahawe wo kwiyeza, kwitunganya no kugororoka kugira ngo amasengesho yanyu yo gusabira uburinzi kuri mwebge no ku miryango yanyu abe ukuri. Bibgirwa benshi bikumva benevyo.
Amahoro aruta uko yomenywa na bose ashibamire imitima yanyu.