Ubuvugishwa butari buke bgarahanuwe yuko umwaka wa 2020 ari umwaka Uhoraho Imana izoshitsamwo amasezerano. Bimwe mu bimenyetso vyahishuwe harimwo ikiza c’ingwara, imyuzure n’ubgirakabiri.
Hari uwoharira yuko imyuzure tubona mu gihugu uyu munsi atari iyisanzwe? Imana ikomeza kwigaragaza no kugaragaza ubushake bgayo bgo gushitsa ivyo yasezeranye uyu mwaka. Kurikira iyi vidéo wumve ingene amazi ya Tanganyika aduha mu mazu akaja gushitsa ivyavugishijwe.
Ico dusaba umuntu wese ni ukwihagararira yejejwe kugira ngo yibonere ugukora kw’Imana.