


Mu masaha yo ku mugoroba kuri uyu wa 10/05/2020 ku rubibe rwa Kamenge na Cibitoke, aho bita ku kabare kwa Patrick, bahateye ibisasu ntezaminwe vyica abantu 2 bikomeretsa abandi 15. Abantu bamwe ishavu riraniga abandi ubgoba bgabatekeye. Abajejwe umutekano bariko barabikurikirana. Wibuke yuko uri umu-Kristo usabga kwihana , ukiyeza maze ukagendera ukuri mu gusaba Uhoraho uburinzi.