Ihanga Ryera ry’Imana ribipfurije umwaka mwiza wa 2023

2023 n’umwaka w’ibitigiri vyuzuye nk’iminsi 7 y’iremwa ry’isi, [Itanguriro 2:2] nk’incuro 7 zo kwibira muri Yorodani ugukira kukabonena [2Abami 5:10],..

Uyu mwaka ugizwe na 2+0+2+3= 7 igiharuro cuzuye. 2023 n’umwaka w’ishitswa ry’amasezerano yawe. Witegurire ico Uhoraho Imana yakuvuzeko ugiye kukibona.

Umwami Yesu Kristo Yamamare!

Ibigiye gushika muri uyu mwaka wa 2023: Umwami Yesu Kristo abazigame cane.

“UBUHANUZI BGO MURI 2023”
Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo n’ashimwe. Bakunzi b’Umusaraba, tugira tubashikirize ubuhanuzi bumaze ibinjana bitanu bgerekeye umwaka wi 2023. Abantu benshi barakunda kwihenda mu kuvuga yuko ubuhanuzi umenya yuko buva ku Mana aruko bushitse. Sivyo kuko n’abantu badakoreshwa n’Imana barakoresha ubgenge bgabo bagahanura ibintu bigashika.
Mbere uretse abanyabgenge, abanyamareba, abapfumu n’izindi ntumwa za satani nabo nyene barashobora guhanura bigasohora. Ibihanurwa bikaguma mu majambo gusa n’ivyo abantu bigenera kubera ivyipfuzo n’amarangamutima yabo. Uwuvuga ubuhanuzi buva k’Uhoraho buza buhuye n’ijambo ry’Imana kandi burasohozwa. [Gusubira muvyagezwe 18:15-22]
Mu kinjana ca 16, Umunyabgenge w’inyeyeri NOSTRADAMUS yareretswe ivyerekeye ubgicanyi bgabaye muri amerika kwigenekerezo rya 11/09/2021kandi vyagenze gutyo nyene. Yareretswe kandi n’ivyerekeye umugera wa Corona (Covid-19)avuga yuko uzoshegesha umubumbe w’isi mu mwaka wi 2020 kandi navyo vyagenze uko nyene. Uwo mugabo w’umufaransa nyene niwe yanditse ubu buhanuzi 10 avuga yuko buzoshitswa mu mwaka wi 2023.
“Ubuhanuzi bgo muri 2023” ni igitabo canditswe mu mwaka 1655 n’uwo mu nyabgenge w’umufaransa yitwa NOSTRADAMUS. Yanditse ibintu 10 bikurikira:

  1. Hazoba intambara kw’isi yose izoba yatewe na Anti-Kristo azokwerekanwa kandi izosesa amaraso y’abantu benshi.
  2. Hazoba intambara mu gihugu ca Amerika, abanyamerika bazosubiranamwo bicane hagati yabo, na bamwe muribo bipfuze guhungira mu bihugu vya afrika.
    Abihweza ibintu n’ibindi bakaba bakurikirana agashavu k’abashigikiye uwahoze ari umukuru w’igihugu D. TRUMP, baribaza yuko intambara izohava yaduka hagati y’aba-Democrates n’aba Republicains.
  3. Hariho ubgami bgo mukarere ka Aziya buzosambuka n’ubutunzi bgaho bube iyondoyondo abenegihugu baho bagire ukwicuza guhambaye. Ubgo bgami bushobora kuba ari Ubushinwa canke Uburusiya, bishoboka n’uko vyoba ivyo bihugu vyompi.
    Abagendereza ibintu n’ibindi, baravye intambara Umukuru w’igihugu c’uburusiya yateje muri Ukraine agaca akoranirwa n’ibihugu vyose vya Bulaya na Amerika muri uyu mwaka wa 2022 kw’igenekerezo rya rya 24 z’ukwa 2, bongerako bakabona ingene igihugu c’Ubushinwa kigomba naco gutera izinga rya Tayiwani, baribaza yuko iyo yoba ariyo nzira ivyo bihugu vy’uburusiya n’ubushinwa bishobora gusambukiramwo; canke kimwe murivyo.
  4. Abantu batuye mu bihugu vya Bulaya bazohona, kubera intambara ruhonyanganda mbere n’ikiza kizotera ku buryo bazobura n’ico bazogaburira abazocika kw’icumu.
    Abasesangura ibiba hirya no hino kw’isi, baribaza yuko intambara yatangujwe mu gihugu ca Ukraine gisanzwe kiri i Bulaya ariyo ishobora gusutama maze n’ubgicanyi bukiyongera. Benshi baribaza yuko n’igihugu c’Uburusiya gishobora gutera igisasu ruhonyanganda mu bihugu vya Bulaya abantu bakarimbuka.
  5. Umukuru w’igihugu c’uburusiya azopfa yishwe canke azize ingwara idasobanutse kandi ico gihugu kizoca cinjira mu mahano y’indyane n’ubukene biteye ubgoba ku bantu bose baba muri ico gihugu.
    Kubera binugwanugwa yuko Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Poutine afise ingwara ya Kanseri, abantu benshi baribaza yuko iyo yoba ariyo nzira ubgo buhanuzi bugiye gushikamwo. Baribaza kandi yuko ashobora no kwicwa kubera imvo nyinshi ziturutse ku ntambara yateje mu bihugu bibanyi.
  6. Ubutunzi buri kw’isi buzohungabana, ikiza c’inzara ciyongere ku buryo abibaza yuko batunze ubutunzi bgabo buzoyonga barorera kuko ataco bazoshobora gukiza.
    Ibiharuro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU birerekana yuko kubera intambara n’ihinduka ry’ibihe ikiza c’inzara kw’isi catanguye kandi kiziyongera mu mwaka wi 2023.
  7. Impunzi zizoba nyinshi kw’isi n’ubgicanyi butewe n’abihevyi bgiyongere kandi cane cane igihugu ca Amerika nico kizoba akabarore.
  8. Hazoba imyuzure hirya no hino kw’isi ku rugero rudasanzwe, inzuzi n’ibihomoka bizohitana abantu benshi hirya no hino ku mubumbe w’isi.
  9. Kiliziya Katoloka izoronswa umwungere mushasha. Uyo nawe azoza adasanzwe kuko mu myaka itanu azomara ku butegetsi bga kiliziya, azohindura ibintu gushika naho abantu bose bazumirwa.
    Abiga utuntu n’utundi ku vyerekeye Kiliziya Katolika barabona yuko ivyo vyamaze gufata umurindi munini bafatiye kuvyizerwa vyinshi vya gipagani vyamaze gusukwa muri kiliziya, bakihweza ingene ubugambanyi n’ubusambanyi bg’ishano bumaze kwimonogoza mubavuga yuko bihebeye Imana. Bafatiye no ku ngene uburongozi bga Katolika bufata abarongorana basangiye igitsina uyu munsi, bagira bati mu minsi iza bigiye kwunyuka.
    1.Ubgongereza buzoronswa umwami mushasha. Azoba ar’umwizigirwa, akunda abantu kandi ari umurwaneza.
    Kubera yuko umwamikazi w’Ubgongereza yapfuye mur’uyu mwaka wi 2022 kwigenekerezo rya 8 ukwezi kwi 9, abantu bose barabona yuko ubgo buhanuzi bugiye kwuzura uyu mwaka utangura.
    Kur’ubgo buhanuzi 10 bgashikirijwe n’umunyabgenge w’inyenyeri mu myaka ya 1655, tubamenyeshe ubuhanuzi ku gihugu co mukarere k’ibiyaga binini. Abavugishwa n’Imana urwenda n’indwi, bagizwe n’Abarundi hamwe n’abanyamahanga bavugishijwe ibi bikurikira ku mwaka wi 2023:
    Hari ibihugu vyo mu karere zizohindura imirisho, hazoba ibihe bidasanzwe vy’intambara kandi akarere kose kazohungabana. Igihugu kimwe mur’ivyo kizoshitswako umugambi w’Imana. Kizoronka intwaro iri hejuru y’imigambge, amoko n’amadini kandi kizorongorwa n’Umukuru w’igihugu w’umwenegihugu waco aje aturuka hanze y’iguhugu. Igihugu kizoca kironka impore, ubutunzi n’iterambere bitari bgaboneke kw’isi.
    Abantu benshi bagumye bibaza yuko ari igihugu ca Kongo, abandi bati n’igihugu c’Urwanda mbere hakaba n’abavuga Uganda na Tanzaniya; ariko abasenga batari bake baremeza neza yuko ico gihugu ari Uburundi.
    Bakunzi b’umusaraba wa Yesu Kristo, namwe mwese mwakurikiranye ubu buhanuzi bgo mu mwaka tugire twinjiremwo wi 2023, tububashikiriza kugira ngo mushobore kugenzura ibimenyetso vy’ibihe kandi muvyitegurire.
    Uwukugabishije ngo ubike agafu ko mu mapfa maze ayo mapfa ntashike ntaba yagize nabi kuko ntaco uhomba uretse ivyo wunguka. Aha rero, reka turangize tubipfuriza ukwezwa no gutungana gose kugira ngo bibahe kwegera cane Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera. Nta bundi bihungiro atari muri Yesu Kristo. Mugire umwaka mwiza mushasha wi 2023.
    Umwami Yesu Kristo Yamamare hose, Amen!

Umushikiranganji Martin Niteretse ati : “Hariho imirwi y’abasenzi yadutse ishobora kuba ikorana n’imihari y’iterabwoba”

Mu kiganiro yatunganije hagati y’abarongoye amashengero n’amadini kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 kigarama 2022, umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano yamenyesheje ko afise amakenga ku mirwi y’abasenzi yadutse ishobora kuba ikorana n’imirwi y’iterabwoba.

Martin Niteretse amenyesha ko bene iyo mirwi usanga irara irafata ingendo zo mw’ijoro kuburyo bashobora kuva i Bujumbura mu masaha yo mu mugoroba bugaca bageze mu ntara zo hagati mu gihugu. 

Umushikiranganji Niteretse akaba yamenyesheje ko yamaze kubimenyesha ba buramatari ko vuba bazotangura kwugara amashengero mwene ayo aba afise ivyumba vy’amasengesho bikora uko, akaba mbere yagiriyeko atera akamo abo barongoye amashengero n’amadini kubandanya berekana ibitagenda neza mu mashengero kuko ngo ari vyo bituma bibacafuza.

Ikindi yasavye ba buramatari, nuko bohagurukira abantu bagenda kurara ku misozi gusengerayo bakagumayo ngo barindiriye Kristo aze kubajana. Ku bwiwe ngo bakwiye kubahimiriza gukora ibikorwa vy’iterambere hama kristo akazoza abasanga bari ku kivi.

Ikindi kibazo ngo n’amakuru amaze imisi avugwa y’amashengero yakira abavugabutumwa bavuye mu gihugu c’urwanda n’ahandi hama bagaca batanguza gutoza amadorare mu banyeshengero, baheza bagaca bigira. Umushikiranganji Martin Niteretse yabwiye abarongoye amashengero ko uwuzofatwa ariko arasahura abenegihugu, ubutunzi aca abujana mu banyamahanga ko ishengero ryiwe rizoca rifutwa. Akaba yaciye asaba ko bobandanya batanga amakuru ku mutekano w’igihugu.

Martin Niteretse ntiyibagiye gutera ivyatsi ingendo mbi y’amashengero amwe amwe asigaye akora urudandazwa rw’amazi abanje guhenda abayoboke bayo ko ari “amazi ahezagiye’. Ku bwiwe ngo nimba bashaka ko babatoza amakori, baragenda babimenyeshe mu bushikiranganji bujejwe ubudandaji ko basigaye badandaza ariko ngo bareka guhenda abantu ngo babahaye amazi ahezagiye. Ikindi ngo nico kimwe n’ababesha abo barongoye ko batanga amavuta ahezagiye, amwe bita “amavuta ya Elayo”.

Martin Niteretse ntiyibagiye no gutera ivyatsi ingendo mbi y’abarundi bamwe bamwe bamaze imisi bavuga mu bimenyeshamakuru bahimiriza abantu gusenga “Kiranga”. Ku bwa Niteretsem, ngo igihugu cafashe ingingo yo gushira Imana imbere nticari gikwiye kuba kikirimwo abantu bacambaza Kiranga, akabasaba kubihagarika.

Nta mashengero mashasha aremererwa kuva mu 2020

Ikindi kibazo catwaye umwanya munini, ni ikibazo c’abantu badabadanganya amashengero barimwo, hama bagaca bashinga ivyumba vy’amasengesho, abandi nabo bagaca baja gusaba impusha zo gutanguza amashengero mashasha. Umushikiranganji Niteretse akaba yamenyesheje ko kuva mu mwaka wa 2020 ata shengero na rimwe rirasubira kwemererwa gukorera ku mugaragaro kuko ngo Reta yasanze ikwiye kubanza gushira ku murongo ayasanzwe ahari.

Akaba yaciye amenyesha ko ahantu hose hoba hari amashengero atemewe n’amategeko ko vuba bazogira isekeza ryo kuyugura. Akaba yaciye yibutsa ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kwugara amashengero yose adakurikiza amategeko ari muri zone Kanyosha.

Abarongoye amashengero hariho ivyo basaba umushikiranganji

Nk’uko vyagiye birashikirizwa na bamwe mu barongoye amshengero bari bitavye iyo nama, ngo haheze imisi hibonekeza abajejwe intwaro bafata ingingo yo kwugara amashenegro biba vyagaragaye ko adakurikiza amategeko, ariko bakabikora batabanje kubimenyesha abo vyega.

Umushikiranganji Martin Niteretse, yabasavye ko igihe cose hoba ingorane hagati muri bo, bogerageza ingorane bakazitorera umuti hagati yabo batarinze guhamagara inzego za Reta kuko ngo bibananiye hakaba akajagari, abajejwe intwaro n’umutekano  batazorindira ko babatumako bazoca bafata ingingo zose zibereye ku bw’ineza y’igihugu.

Ariko akaba yaciye asaba abajejwe intwaro ko ata numwe akwiye kwivanga mu vy’amashengero mugihe indongozi z’amashengero zitamutumyeko.

Ikindi ni ikibazo c’imanza zaciwe na Sentare ariko zitaraja mu ngiro. Umushikiranganji Niteretse akaba yamenyesheje ko izo manza zose bazimuzanira akazishira mu ngiro kuko ngo urubanza ruciwe na sentare ruba rubaye itegeko.

Ubuhanuzi 20 bga BEBA Gedeon bariko burigwa ingingo imwe ku yindi.

IHANGA RYERA RY’IMANA

UBUHANUZI 20 BGA BEBA GIDIYONI KU BURUNDI
Umuhanuzi BEBA Guidiyoni yari umurundi avuka mu ntara ya Makamaba akaba yari yarahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kubera intambara yabaye mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 1972. Yasengera mw’Ishengero rya Pantecote i GATUMBA muri Tanzaniya mugabo akagenda arashikiriza ubuhanuzi Uhoraho Imana yahora imubgira cane cane aburire Ihanga ry’Abarundi. Hariho abantu benshi bagiye barishimikiza imburi ziwe abandi bakazubakirako kugira ngo batange imburi zabo ku gihugu c’Uburundi. Aha mwokwibuka ababa muri Amerika nka Evelyne NTUNZWENIMANA na Alphonse NIYONZIMA, Danieyeli NDAYISHIMIYE atuye muri Tanzaniya, Anselme YARAGWIRA aba mu Bgongereza, Jean Bosco BARAKAMFITIYE wi Gitega na NDUWIMANA Alexis batazira Musumari wi Bujumbura mu Burundi. Inyuma yabo hariho abandi bahanuzi benshi bagiye baravuga ku Burundi nk’umukenyezi MUREBGAYIRE Marie Esther, GAKWAYA Jean Damascene, Abel BUHUNGU n’abandi benshi bari hirya no hino abantu benshi bumva ku mihora ngurukanabumenyi. Tubibutse yuko n’abanyamahanga b’abazungu bavugishijwe ku gihugu c’Uburundi.
Umuvugishwa BEBA Guidiyoni ivyo yahanuye vyose vyagiye biraba mu gihugu cacu c’Uburundi uko yagiye arabitondeka kimwe ku kindi gushika ubu. Ivyo vyatumye n’uyu munsi abantu bose babona yuko yari umuvugishwa w’ukuri w’umurundi wenyene amaze kubaho. Uyu muvugishwa n’Imana yaratashe mu Burundi kandi abandi bakozi b’Imana ntibamwakiriye nk’umukozi w’Imana kuko bari bumvise imburi atanga. Ari mu gihu c’Uburundi ku gatumba iwabo mu ntara ya Makamba, yahavuye afatwa n’ingwara bamutwara ku bitaro bikuru i Makamba, biranka bamufatana urugendo ngo bamutware kumuvuriza mu bitaro bikuru i Bujumbura. Bageze mu nzira, Imana imubarira iti babgire bagusubize inyuma kuko utazokira utegerezwa gutaha kuko igihe cawe kirageze.
Kuko bari bazi yuko ari umuhanuzi adasanzwe, baciye bamwumvira bamusubiza ruguru iwabo iyo yarasanzwe aba kw’itongo. Amaze gushikayo, Imana yamubariye ngo babgire ibigira bishike. Ico gihe mu 1992, amatora y’umukuru w’igihugu ntiyari bgabe. Iwe hama abantu benshi harimwo intwazangabo z’igisirikare ca kera bava za Bujumbura, Bururi, Rumonge, na ruguru baza iwe gusiguza. Yababgiye yuko hagiye kuba amatora kandi yuko umukuru w’igihugu azotorwa bo nyene bazoca bamwica. Ati:”ni mwamwica namwe nyene muzohona”. Imana iyo ivuze ikintu kirasohora. Niko vyagenze yaratowe baca baramwica. Intambara yabaye inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior yamaze imyaka irenga icumi mubo yahitanye n’abasirikare ba leta yico gihe barimwo.
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650 IHANGA RYERA RY’IMANA

Ehe ubuhanuzi 20 bga BEBA Gedeon bgo mu mwaka 1992:

  1. Beba Gudiyoni ari I GATUMBA mu gihugu ca Tanzaniya iyo yari yarahungiye, yasavye Imana yuko yotaha agasubira mu gihugu ciwe c’amavukiro c’Uburundi. Uhoraho Imana yarabimwemereye mugabo ica iramubgira yuko atazobaho. [Twababgiye uku vyagenze agapfira iwe muhira]
  2. Imanayamubariyeyukomugihuguc’Uburundihazobaamatorahanyuma hatsinde umukuru w’igihugu bace bamwica. [Mu 1993 Ndadaye Melchior yaratowe, amaze amezi atatu gusa abasirikare ba leta baramugandaguye kuwa 21 mukwi 10 mu 1993]
  3. Hanyuma n’uwuzomukurikira nawe nyene bazomwica. [Ntaryamira Cyprien bamugandaguriye nawe nyene i kanombe, Kigali mu Rwanda mu kwa 4 mu 1994 amaze amezi abiri gusa ari umukuru w’igihugu.]
  4. Uwuzokurikira ubugira gatatu nawe bazomwirukako. [Ntibantunga Sylvestre aracariho mugabo bamwirukanye ku butegetsi babaje kumutera amazirantoke i Bugendana mu 1996 haciye imyaka 2 yaciye ahungira mu buserukizi bga Amanyamerika]
  5. Hanyuma yivyo Imana izohagurutsa imisore n’inkumi bahabge inkomezi nyishi bafise ibigwanisho babe mu mashamba barya inka n’impene zanyu. Bazorwana cane ariko Imana ntizokunda yuko bafata igihugu bakoresheje umuheto kugira ngo ntibahave bakuraho intumbero y’Imana. [ Naho FNL yarisanzwe ihari, aho umukuru w’igihugu Melchior Ndandaye yiciwe imisore n’inkumi yaciye ifata ibigwanisho yitwa Force de la Defense du Peuple (FDP), hanyuma yitwa Force pour la Defense de la Demicratie (FDD) yahavuye yitwa CNDD-FDD izwi uyu munsi, yaje ku butegetsi yaciye mu mishikirano.]
  6. Umwe muri abo bagwananya leta azotwara gihugu imyaka itari mike, yanke n’impanuro z’imiryango mpuzamahanga kandi nawe nyene azopfa mu buro budasobanutse. [Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatwaye imyaka hafi icumi n’itanu, ataraheza manda yiwe igira gatatu kuwa 8 z’ukwezi kwa 6 mu 2020, leta yatangaje yuko yishwe n’umutima wahagaze. Abantu benshi vyarabananiye ku vyemera gushika ubu ku myaka 55 gusa y’amavuka yaramaze. Umuvugabutumwa akaba n’umuhanuzi yitwa Alphonse Niyonzima arazwi cane kubera mu mwaka wa 2014 yarahanuye ku rupfu rwa Perezida Petero Nkruziza, avuga ijambo azovuga imbere yuko apfa, aho azogwa, aho azohambga n’imodoka zizorerura ikiziga ciwe uko zizoba zimeze. Kandi vyose vyagenze uko yabihanuye.]
    WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650 IHANGA RYERA RY’IMANA
  7. Uwo azokurikirwa n’uwundi mukuru w’igihugu w’umusirikare azotwara umwanya nk’uwo urume rumara kuko atazoheza ikiringo ciwe. Uwo azotwaza igitugu amanyama, mu gihugu habe amapfa n’ubukene bginshi kandi azokwikurirwaho n’abo mu mugwi wiwe.
  8. Hanyumayahohazobaimpunzinyinshizibureahozicakandiahozizobaziri hose zizoca zihebura mbere zice bugufi imbere y’Imana kuko zizoba zatakaje icizere co gusubira kugaruka mu gihugu.
  9. Hanyuma Imana izoca ihagurutsa umugwi uvuye inyuma y’igihugu witwa “RUBURAKIGONGWE”. Uwo mugwi wa RUBURAKIGONGWE uzokwinjirira mu mice itatu y’Uburundi harimwo n’uwo i Muyinga uzoba ukaze cane kandi bazotera igisagara ibisasu ku gisagaa ca Bujumbura gisigare kimeze nk’ikibuga gushika naho ico igisagara kizubakwa bushasha. [Umugwi RUBURAKIGONGWE nturaza si iyo migui y’abitwaje ibigwanisho twomva batera igihugu bakaza kwica ibanyagihugu muza Ruhagarika mu ntara ya CIBITOKE canke muri Zina mu ntara ya Bubanza. Uhoraho Imana yeretse abavugishwa benshi yuko izo ngabo ziza ziri mu gihugu c’Uburundi mu ntara zose, ama Komine yose n’imitumba yose yuko zirindiriye ifirimbi y’Imana gusa.]
    10.Ico gihe abasirikare b’Uburundi bazonanirwa gushika naho bambara ibikwembe n’impuzu z’abagore bicare hasi bamanike amaboko, bakome amashi kugira ngo barabe yuko bokira, kubgiyo ntambara.
    11.Umuntu azoba ariko ikimenyetso co gupfa ntazokira naho azoba yarahungiye mu mahanga azokurwayo kugira ngo aze gushitsa ico isezerano ryavuze kandi n’abari mu mahanga bazogwayo.
    12.Kubera yuko abantu bazoba barapfuye ari benshi, abazomufasha gutwara azobaronderera no hanze y’igihugu.
    13.Ico gihe nta ndyane z’amoko n’amatongo zizoba zikiriho kandi umuntu wese azogerera aho agomba hose mu gihugu.
    14.Amaraso azoseseka mu Burundi azoba menshi azoduga ashike ku jisho ry’ikirenge. Muri ico gihe n’ibihugu bibanyi vy’uburundi ntibizoba bitekanye kuko hazokwaduka intambara hagati ya Congo n’Urwanda n’ibindi bihugu biyivangemwo.
    15.Imana izogwisha imvura iminsi itatu ikubure ayo maraso mu gihugu cose. 16.Umuhirwe ni uwuzohunguka ba Ruburakigongwe bararenganye. 17.Hanyuma yivyo Imana izoca izana uwo yamaze gutora ngo arongore
    igihugu c’Uburundi imukuye mu mahanga iyo yamunyegeje.
    18.Ico gihe abarundi b’impunzi bazoba baragiye mu bindi bihugu batwawe
    n’inkukuma canke indege, bazoca bahunguka bagaruwe n’inkukuma nyene.
    WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650 IHANGA RYERA RY’IMANA 19.Impunzi ya nyuma y’Umurundi ishitse mu gihugu c’Uburundi, impunzi ya mbere y’umutanzaniya nayo izoca ishika mu Burundi.
    20.Ico gihe igihugu c’Uburundi kizoca cubakwa neza ku buryo butangaje kandi abarundi nibo bazotwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose imbere yuko Yesu Kristo agaruka kw’isi.
    Iyo Imana ivuze, ivyo iba yavuze vyose birashika. Igice c’intambara ca mbere cararenganye. Hasigaye igice ca kabiri ari naco canyuma kivuga yuko intambara izomara umwanya muto cane mugabo yuko izokwonona vyinshi, ihonya abanyakibi aho bari hose. Imana yahishuriye umuvugishwa yagendanye na BEBA Guidiyoni yuko igice ca kabiri ciyo ntambara kigiye gushika ku Burundi vuba kuko ingabo zarungitswe n’ijuru zamaze gushika mu gihugu. Agira ati izo ngabo zigizwe n’abahungi n’abakobga bambaye imyambaro y’akataraboneka kandi bafise n’ibirwanishwa bikomeye biteguriye gutikiza abanyakibi mu Burundi ngo uzoba ari nk’umunsi mukuru wo kwimika isirayeli igira kabiri. Araheza agahamagarira abarundi bose kwihana nkuko abo I Niniwe babigenjeje.
    Mu gihugu cacu co kimwe no mu mahanga Imana ishishikara itanga inzozi n’inyereko ku bantu benshi kandi abarari bake baguma basemerera ku mihora itandukanye bavuga ibigiye gushika ku gihugu no mu mahanga. Umuntu w’ubgenge yo vyumviriza maze nti yihute kubisuzugura ariko nyabuna akiyeza kandi agatunganya ingeso ziwe kuko ntaco aba ahomvye atari inyungu y’umurengera.
    Mugenzi ubonye izi mburi 20 za BEBA GIDIYONI, umenye yuko ari ivyavyzwe. Ijambo ryasizwe na BEBA Gidiyoni rigukomerekeje wigumye ntute ururimi. Abafise ibanga bararigendera. Ufise ico ubaza canke ugomba kwunganira ni utwandikire canke utwakure. Ugomba gutunganya ubugingo bgawe naho ntupfa uwo uhaye umutima wawe kuko mu madini n’amashengero hariho imfyisi nyinshi zigize intama. Ahubgo ni witure Ihanga Ryera ry’Imana rikurongore ku mukozi w’Imana w’ukuri. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire kandi abazigamire mu buntu bgiwe butangaje. Amen!
    Umwani n’Umukiza Yesu Kristo tumwamamaze!
    WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM TEL: +1 914-448-3650

Imburi n’ubuhanuzi vy’iy’indwi 11-18/12/2022

IMBURI N’UBUHANUZI VY’IY’INDWI: MUBE MASO MUTERAMIYE AMASEZERANO.

  1. Ibirenge bizanye ubutumwa bgiza bg’ijuru ngivyo birashitse i Burundi.
  2. Icete c’ishitswa ry’amasezerano cateweko igikumu n’Uhoraho kigira gisomwe.
  3. Itangazo ry’Uhoraho rigira risomwe, Abarundi n’abanyamahanga baryumve.
  4. Hanga ry’Abera itegure mumanike ibendera ry’intsinzi y’Uhoraho mu gihugu c’Uburundi.
  5. Uhoraho Imana yaraduhaye urupfunguzo rw’amasezerano, tugire twugurure Ihanga ryinjire.
  6. Abishize hejuru Uhoraho Imana arabakoroye none ashize hejuru ba nyarucari.
  7. Umwampi w’Uhoraho Imana uravuye mu ruge kugira ngo ushitse ico wagenewe.
  8. Abera bose, Ihanga mwese tegure impamba kuko mugira mwambukire mu gihugu c’isezerano.
  9. Aho ku gicaniro mu rugo iwawe niho Umwami n’Umukiza Yesu Kristo, niho azogusanga kandi azokurindira.
  10. Amasengesho yanyu Uhoraho ayatega ugutwi ijoro n’umurango kandi azobishura ahitse imwe ku kindi.

Umwami Yesu yamamare, Amen!

Kubera iki Abarundi dutinya kandi tukankiriza ukuri!

Hari umukurambere nabariye nti “ukuri kutavuzwe n’abakijijwe, nti kuzovugwa n’abadatinya Imana”. Ivyo nabimubariye bivuye ku kiyago kirekire twagiranye kuvyerekeye kahise k’igihugu cacu c’Uburundi.

Umuntu wese yama aharanira kunyegeza ukuri, kuguhindukiza canke kuguhakana kubera kumutsinda canke gufata ubgoko, umuryango wabo cangwa abo akunda. Uwundi akama agerageza gusomangiza, kurisha no kubabaza abandi kubera icaha kigwa ku bandi ( ubgoko, umuryango, umurwi,…) kugira ngo nabo bagire umubabaro.

Uko biri kwose, ukuri kurakwiriye kuvugwa uko kuri kwose kugira ngo imitima ikire. Erega mu Burundi, naho ubutegetsi, amadini n’imirwi itandukanye yirengagiza ukuri, abicanye kuva kera bose barazwi. Ikintu gishobora no kuguma kizana intureka mu gihugu ni ukugomba guhana bamwe ugasiga abandi inyuma witwaje imvo iyariyo yose. Ikindi kibabaje kuruta, ni ukunyegeza ikibi kibishe ukakirenza amaso kubera inyungu zawe mugabo ukibagira yuko ukuri mukwirengagiza ariko kwokwo kutazobirengagiza kuko kuzobomako.

Abarundi barakwiriye kuramira ukuri, bakagukunda, bakakugendera kandi bakakunezererwa kugira ngo bakire umugera w’icahaha ugenda uramunga imitima yabo. Abanyepolitike bananiwe no guhangana n’ukuri, abana b’Imana turakwiriye kugushira ahabona tudatinya.

Duhamagare Imana itabare Abarundi n’uburundi.

Twahawe urupfunguzo rw’amasezerano, amen!

INDWI YAHARIWE AMASENGESHO YO GUSENGERA AMASEZERANO Y’IGIHUGU N’ISHENGERO: DUKURE UBGATSI KUKO TWAGABANYE.

Ihanga Ryera ry’Imana si akarwi kiyitirira idini canke ishengero ni Ihanga ryikwije rigizwe n’Abarundi n’abanyamahanga bava mu mihingo yose, amoko n’imiryango yose, abari mu gihugu n’abari mu mahanga yo hafi na kure nk’uko intumwa Yohana yavyeretswe [ IVYAHISHURIWE YOHANA 7:9]
Umuntu wese yizera Umwami Yesu Kristo, akaba yarihanye ivyaha, akagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho, akama yezwa yiyubara gukora icaha cose mu kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera, uwo niwe ari mu muryango w’ABERA kandi niryo HANGA RYERA RY’IMANA. Abo nibo baraye bagabanye urupfunguzo rw’amasezerano, haleluya!
Mumenye kandi mutahure neza yuko dufise amasezerano yo kurarwa ubgami bg’Imana mu gihugu co mw’ijuru. Imbere yuko Umwami Yesu agaruka gutora abaraganwa nawe, dufise isezerano ry’Uburundi bushasha bg’Isezerano aho Abarundi bazobona ibibi bibugarije bikuweho kugira bashitse umugambi wo gutwara ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro ry’ubutumwa bgiza mu gihugu cose na kure kw’isi. Ayo masezerano n’iyo twaherewe urupfunguzo kandi tugiye kuyabona vuba.
Bantu mwese mwizera ico Uhoraho Imana yavuganye natwe, Hanga Ryera ry’Imana, ca gihe ngico kirashitse kuko harageze yuko mwinjira mu masezerano. Mwame mwibuka yuko imbere yuko umwana avuka habanza ibise. Ibise navyo ku bavyeyi birababaza mbere hakaba amarira, amaganya, ivyuya n’amaraso. Ivyo muvyitegurire mwejejwe kandi ivyizigiro vyanyu bihamye mu kwizera ubutabazi n’ubushobozi bg’Umucunguzi wacu, Emanuel, Mesiya, Yesu Kristo, Amen!

Umutumiro w’amasengesho adasanzwe y’abizera bose.

ABERA BOSE DUTANGUYE AMASENGESHO ADASANZWE KUVA 03/12 GUSHIKA 09/12/2022.

Ni amasengesho y’Abizera Uhoraho Imana y’Abera, abakiriye Mesiya YESU KRISTO kuba umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo. Turagomba yuko agahinyuza nk’akabereye ku musozi KARUMELI kaba mu gihugu cacu c’Uburundi aho abanyakibi bigira abakozi b’Imana, abarongozi barenganya imbonanya abo bari bakwiriye gukingira, inzara ibica bigacika. Turagomba yuko Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera yiyerekana mu gihugu cacu. [1Abami 18:20-40].

  1. Umuntu wese yihane, yitunganye yezwe.
  2. Uhoraho Imana abomboranye ababi n’ibibi vyabo.
  3. Icumu ry’abanyakibi rishingurwe mu mugabane w’abagororotsi mu gusambura amangetengete.
  4. Uhoraho Imana ashitse amasezerano ku gihugu no kw’ishengero.
    Muri iyo ndwi, tuzoguma dusengera n’iyindi mitwaro yari ihasanzwe y’abarwaye, abana bato, abazimiye n’inzindi ngorane zasaba ubutabazi bg’ijuru.
    Umwami Yesu Kristo tumwamamaze!

Imburi n’ubuhanuzi bg’iy’indwi dutanguye 27/11/2022

IMBURI N’UBUHANUZI VY’IY’INDWI DUTANGUYE KUWA 27/11/2022: MWIYUBARE MWEBGE ABERARA BOSE KUBERA IGIHE TWINJIYEMWO.

Dusenga Uhoraho Imana yumva, avuga kandi agakora ibiboneka mu Mpwemu no mu mubiri. Iyo tumusenze arumva akishura kandi iyo yishuye turumva tugashima. Iyo yasezeranye arashitsa ijambo ryiwe ryose ku gihe yavuze.
Abavugabutumwa, abaririmvyi, abasenzi, abavugishwa n’abandi banyengabire batandukanye; mwiyubare iy’indwi twatanguye kuko hari ivyo Uhorahaho agiye gushitsa mu mugingo bgacu, ku gihugu cacu no mu miryango yacu.
Abizera mwese muhamagariwe gusoma izo ngingo icumi zanditse aha kandi mukazikurikiza kugira ngo mwibonere ubgiza bg’Imana. Abatazi gusoma muzibasomere n’abadafise gutahura mubatahuze. Mwibuke yuko uvusenga ari ikirwanisho gihambaye c’abana b’Imana co kimwe no gushima muri vyose. [1ABITESALONIKE 5:27-19]
Umwami Yesu Kristo yamamare hose, Amen!