Ijambo ry’Imana rirabuza abizera kwita abantu ba se mu Mpwemu bakabikorera ico.

Hariho ibintu vyinshi ubona mw’isi y’ impwemu ugatahura yuko abizera binjiranywe na satani ntibabimenye. Ijambo ry’Uhoraho Imana rivuze ryihanikiriza abantu kudakora ikintu kuko ari kibi, baca bagikorera ico kandi bakagishimangira. Mur’iyi minsi uzokwumva mu mashengero yitwa ay’abakizwa bavuga ngo « DADDY » Semama yote! Igisha ! Vugishwa! Preach! Prophetise ! Abantu bose bakabigira agahararo ( […]