Ubutumwa bg’abenegihugu ku barongozi b’Uburundi
Mu kiyago Abarundi bagiranira bariko barayaga, hariho uwo base bakunze ivyiyumviro vyiwe kandi barabishigikira mbere barahava basaba yuko hari uwoshikana ubutumwa bgabo imbere. Yari yagize ati: »Hariho abagenzi banje batumvikanye kubera impavu zidakenewe ko ndazivugira ngaha.Umwe ngo yabwiye uwundi ati:<< Jewe nahawe n’umutwe wanje wewe reka kumpohotera wahawe nuko uzi kurasa gusa>>.Uravye akahise tuvuyemwo abazi […]