Abarundi barahahamutse, bakeneye abarongozi babahumuriza atarababatera ubgoba.

Burya n’uko Abarundi twamenyereye kworosha ibintu. Iki kibazo c’Abarundi bahunga igihugu kiva no ku burongozi bubi,, kirahambaye cane. Ubonye umwenegihugu arinze ahitamwo (1) gutekera agashambara (2) gusohoka inzu yiwe akayugara (3) akagenda ( kwomoka) abundabunda ahungira mukindi gihugu, kugira ngo aje kuba muri turi turya dukambi tw’impunzi n’abana biwe.Ivyo bintu ntitukabifate ibisanzwe. Haba hariho umururazi […]