Murashobora gutanga umuco ku bantu bishwe muri 2000 mwoshobora gutanga umuco ku bishwe mu binjana vyarangiye!
Turakunze kubona amatangazo y’umugwi ushîzwe kunywanisha Abarundi no kurekuriranora uvugako uzogédera Abarundi bari mu gihugu iki canke mu ntara iyi y’igihugu bakegeranya ivyo abantu bavuga mugabo bikagarukira aho kuko n’icegeranyo batanze ku vyabaye muri 1972 kikemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka cabaye impfabusa. None ubgo butunzi mukomeza gukoresha n’ubg’iki? Ubu uwo mugwi utanguye kwiga ivyashikiye Uburundi […]