Ku bganyu, Abarundi baragoye kurongora canke abarongozi nibo bafise agahaze!
Abarundi boba bagoye gutwara canke ababatwara nibo babagora? Abarundi barakugora, iyo ubategeka kugwanya ubusuma nawe bakubona wiba Ushima ko baguhinyuye, uravuga ntibakoma amashi, baza kukwumviriza kubera batinya agasho namande. Nawe wavuga ukabonako ivyo uvuga batavyumva, ukabasaba kwikomera amashi, canke ngo bayakomere Imana…. Menyako bigeze aho, uba usigaje igihe gito ngo wamburwe ubutware.