Twatanguye indwi y’ukwezwa gose no kwiyegereza Uhoraho Imana

Hariho igihe Mpwemu w’Imana aza kuri twebge akururukira ku bantu bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana bari mu bihugu bitandukanye, intara zitandukanye n’abantu bo mu bicaniro vy’amasengesho maze hose akavuga ijambo rimwe risa ati: “Bgira umurongozi w’Ihanga nitoranirije abarire ubgoko bganje yuko iy’indwi ariyo kwiyeza no kunyegera cane.” Haraho Imana ica imubarira ico izokora akakitumenyesha n’igihe ataco […]