Imvugo z’ikirundi zinyegeza vyinshi bigatuma umwe wese asoma iciyumviro.
Hariho amajambo avugwa n’uyu n’uriya akagenda ataco abantu bayiyumviriyeko naho aba afise ico agamije. Mugabo hariho n’ayandi aba na bariya baca biyumvirako bagasorongora, bakayaca irya n’ino bitewe n’uwuba yayavuze. Umukuru w’igihugu kubera aba yaratowe n’abeneguhu aba afise ububasha bgo kurongora abantu. Ubgo bubasha arabukomeza iyo abarongoye neza mu mahoro, ubutungane n’iterambere. Mugabo kandi ubgo butegetsi […]