
Ubutegetsi bubi aho atawukoresha ukuri mu bikorwa ashinzwe nivyo vyononye kabikazingamika n’imirimo ya leta. Ehe uturorero tubiri twabonye:
Umushikiranganji yigeze kuntwara yaremereye umuntu ikintu kitarekuwe n’amategeko. Aca arakindungikira ngo ndagisinye, kandi ntanabifitiye uburenganzira, ncandamukorera projet de réponse asinya wenyene
Ncanda murungikira sous-pli confidentiel, aca aratinya nawe kugisinya
Wamuntu aje kumwishuza, aca amubgira ko nanse kugisinya, wamuntu acaraza akikijwe n’ingabo nyinshi Icakora nasanze ari umuntu mwiza cane, ndamusigurira, kandi arabonako iyo document atari umushikiranganji yayisinye, ntamuntu wohanze y’igihugu yari kuyemera, kuko vyasabako uwuyisinya ategerezwa kuba Président canke un membre du gouvernement.
Yaciye asubira kuraba uwo mu Ministre, asanga yugaye yagiye….
Ministre yaragiye gufata indege ngo aje muri mission
Wamuntu nawe yari intagoheka itomoye, amusongako no kukibuga c’indege, Ministre ashitse kukibuga c’indege abgigwako atarengana ko itegeko ryavuye hejuru
Baciye bamubgirako atajabuka adasinye iyo document, acaranterefona, ansaba kuyimusanza kukibuga c’indege arayisinya, ncanshira secrétaire wiwe ashirako cachet
Uwo mu Ministre atakiri Ministre yansezeranijeko azohemuka nishwe
None we akozwe muvyuma
Akandi karorero
Umushikiranganji umwe atakiri umushikiranganji
Yabgiye abantu ko dossiers andungikira nanka kuzikora
- Arungika abantu babiri yemereye guha amahera ashika imiriyoni 80, ariko ababgirako baza nkabagirira projet, Ministre agaca ayifinansa bakironkera amahera
Baciye bazana projet yogutera imbingobingo kuruzi Ruvubu
Ikosa ryambere, Umushikiranganji ntibuha ama projets financement, ahubgo ama projets yirondereye financement asaba gukorana n’ubushikiranganji
Ikindi ayo mahera 80 million, yogutera imbingobingo kuri deux kilomètres yari menshi cane, kuko ico gikogwa gikozwe n’uwukunda igihugu, nticoshikana 5 millions.
Nabasiguriye ivyo, baca baramuterefona, sinamenye ivyo bavuganye Ariko bantegeka kubandikira iyo projet…ndayibaha
Abo nibo yakoresheje mukwerekanako ntavyumva
None umuntu akwemereye 80 millions womuvuga nabi?
Ubu ntagira ivyo atanga kuko atakiri Ministre, kandi ubu nabo yahaye ntibibuka ko harico yabahaye
Uwushinzwe amabanga yotegerejwe kuyakora neza ku neza y’igihugu n’abakibamwo adakwegeye mu nyungu ziwe.