Ubusuma, ugukamisha n’ubunebge niryo soko ry’amabi: Kubera iki abategetsi b’Abarundi bashaka gukamisha ingingo zose zifatwa!

Inkuru y’umubabaro kubakunda igihugu

Mwese muribukako SE Gén Maj Évariste NDAYISHIMIYE yigeze gusaba abashikiranganji ko bogendera abenegihugu kugira babature ibibazo.

Hariho uwabironkeyemwo akaryo ko kwiba

Aha ntihagire abibgira ngo bavuge uwo ntavuze, détails zitangwa kuri ya numéro yatangwa

Uwo umushikiranganji yaciye akorana numwe muba DG biwe.

Uwo mu DG aca yumvisha aba Directeurs ko bagomba bagurane Ministre amahera

Kuva ryari Ministre asaba ingurane DG, ngo nayo kuja muri mission

  1. Uwo mu DG yaciye asohora ama miriyoni menshi, nimba yose yayahaye uwo mu Ministre ntavyo nomenya
  2. Icateye amakenga abakozi, uwo mu DG yaciye ategura ibipapuro asinyisha abakozi, vyitweko aribo bagiye muri mission
  3. Abakozi bamwe barasinye kubera ubgoba, abandi kubera basanzwe bakorana amanyanga nuwo mu DG. Ariko hariho abarahiye baranka kubisinya.
  4. DG nabo bateguranye uwo mugambi babonyeko hari abanse gusinya, baciye bahindura umukenyuro wogukora rapports fictifs zerekana ivyo ayo mahera yakoze

None mwumva Ministre azoriha gute ayo mahera yaguranwe?

Kubisanzwe ubgo n’ubusuma, harimwo n’igiturire.

Abo bantu mwumva hari ibikiza igihugu bazodukorera?