
Hari uwagize ati biducire ku mayange ivyo watahuye kw’ijambo Reverien Ndikuriyo yavuze ati : “Umugambge CNDD-FDD n’uwabapfuye” Yoba yagomvye guha agateka abapfuye canke yoba yavuze ikindi!
Ndakunda imvugo y’umukuru w’umugambge mugabo iyo hari imvugo idasobanutse ndakunda kubaza kubera yuko harya Ururimi rurarema Kandi kirazira kwiyumvira ngo umuntu yashatse kuvuga ibi kandi atarivyo yavuze. Aha kur’isi tubayeko hariho amasi 2: iyabafise umubiri n’iyabatakiri mu mubiri. Hariho abantu bagendagenda aho hose kubera ubuhinga n’amareba. Ivyo bituma umuntu yomenya neza ico ijambo ryose rihagarariye kuko turi abantu bakuze.
Uvuze yuko umugambge CNDD-FDD atari umugambge nk’iyindi kubera ari umugambge w’abapfuye Ayo ni amajambo atomoye adakeneye insiguro ( interprétation)
- Umugambge watanguye muri 1993 mu kw’11 witwa FDP (Force pour la Défense du Peuple). Mubawutanguye hariho umwe canke babiri bakiriho.
- Kubera hari heze ibintu vya Démocratie muri 1994 bagize bati reka peuple tugakureko dukoreshe ijambo Democratie. Uca witwa FDD: Force pour La Défense de la Démocratie ( N’abari bagize Etat Major ya mbere turacariho)
- Abanyepolitique baje gushigikira umuhari baciye bagira uruhande rwabo rushigikiye FDD rwitwa CNDD: Conseil National pour La Défense de la Démocratie.
- Inyuma yaho Igisata c’abanya politique n’icagisirikare vyarasukiranijwe haba CNDD-FDD ari nawo mugambge dufise uyu munsi.
- Aho nasimvye n’ibigirankana imishamirano, ukutumvikana, ubgicanyi n’uduceduce twavyaye be CNDD na ba FDD-ikaze ( ibintu vyerekana yuko inda ya bamwe ituma duca mw’izinguzingu)
- Uvuze rero yuko umugambge CNDD-FDD ari umugambge w’abapfuye kandi abawutanguye bakiriho, numva nokwibariza akabazo. Uvuze yuko hariho abawitangiye bagasesa amaraso yabo aho birumvikana neza kandi uzoshigikirwa n’abiteguye kuwitangira.
- Mwe mukiri bato: Mwomenya yuko kurugamba twabuze abagwanyi bashika 36.000 batanze ubuzima bgabo, mugabo abo baragiye ni mwebge mukiriho mutegerezwa kuwuhagararira kandi mugafata ingingo nzima kugira ngo mukomeze intwaro yanyu.
- Mu kirundi bati: »Uw’imizimu itaracira musi y’urugo agira ngo niwe azi guterekera ».
- Abantu iyo bavuga yuko bashize Imana imbere barakwiriye kudatambikiza ngo muribo haboneke abaja mubapfumu, abakoresha imizimu n’ibindi bitajanye n’ukwizera kw’aba-Kristo. Uciye kubiri n’Imana nayo irateba ikakunyuranya.