Ngo “Wamaz’iki yasubiriwe na ntarahemuka” mu mugambge CNDD-FDD

Kuvuga yuko abantu batakiraba ico yamaze n’ukwisamburirako kuruyeri. Urabaza ivyashikiye wa mwami yica abatama bose bo mugihugu. Ivyamushikiye sivyo yari yiteze
Haruguru watanguye udondagura amazina y’abarugwanye n’abitangiye igihugu n’umugambge bavugwa yuko bahemutse, ubu bamwe barapfuye abandi barapfunzwe; hakaba hari abahunze (n’abahungutse) n’abigijweyo ubu bayerera mu mabarabara. Uraraba neza ahubgo yuko ataribo bahemukiwe.
Umuntu canke abantu bagusiguriye ikintu bita guhemuka barashobora kuba babivugishwa n’ivyubahiro bafise ubu n’inyungu zabo zituma bifatira ubantu mu majambo. Mfashe uturorero:

  1. Aba bantu bakurikira bahemukiye igihugu canke umugambge ( Wamena, Simoni, Maregos, Jean Petit, Radjabu, Adolf, Peter,…) muribo hari uwo uzimwo! Urazi urupfu umwe wese yapfuye!
  2. Godefroid Niyombare na bagenzi biwe abahunze n’abapfunzwe bahemukiye nde? Igihugu canke umugambge? Iyo ivyo bariko barafuruguta biba ukuri, burya muba muvuga yuko ari ubuhemu canke muba mubita intwari!
  3. Imiryango y’abaguye ku rugamba ( Abagore n’abana babo) abahakomerekeye (aba démobilisés) batagira ico biha bahemukiye bande? Igihugu canke umugambge!
  4. Hari abantu barwaniye igihugu, hari abakoreye umugambge benshi bigijwe inyuma, ababuze n’abatswe ubuzi ubu batagira ayo bacira n’ayo bamira. Bararenganwa, baratotezwa kandi n’ubuzima barabuhakwa kubera akadodoberezo ngo barahemutse
    Ibintu vyo kuvuga ngo warasiguriwe hanyuma uratahura ni ukuraba ivyo watahuye ivyarivyo kuko haraho usanga uwahora ari umu sans échec canke umu sans défaites akwirukako ngo aguturize ipine ry’imodoka ariwe ubu akwigisha akarangamutima k’umugambge. None ni nde yahemukiye uwundi?

Uwanditse iyi nkuru abandanya agira ati:

Muri ya politique yo guserereka yatwinjirana mu mugambge kuva muri 2005,

  1. Uhemuka iyo ugomba kuba imvugakuri, ushira imbere ivyatumye tuja mw’ishamba, utiba canke ngo ukore birya bindi. Ntabo murumva bavuga ngo kirya ni igipinga, frondeur, insubordonné,…!
  2. Uhemuka iyo udafise umu parrain agushikira imbere, akakuvugira naho uba wakoze ibidakorwa. Aho décret isubirizwa n’iyindi.
  3. Uhemuka iyo abazi guserereka bagutunga intoke, bakuvuga yuko utazi kwisabira, udakora ivyo abandi bakora. Birababaje ibinyoma bakenyereyeko mu mugambge.

Abarundi dukwiriye kwiga kwubakira ku nkigi zisanzwe zarashinzwe, zanditse, abantu bakarengera ivyo bapfa, bakibuka iyo bavuye n’iyo bashaka gushika nayo ahandi haragera igihe mukibura aho mwari nkabandi mwasubiriye ku butegetsi.

Uwundi yongeyeko ati:

Kuvuga ngo wamaze iki ncaco imaze n’ukuvuga yuko abagumyabanga ataco dupfana. Dufise ico duhuriyeko iyo unyoboka kandi utaryogora.
Mu muryango, abavyeyi hamwe n’abavukana iyo bavuga yuko ataco bapfana bakitana ibihemu, uwo muryango nta magara meza uba ufise.
Abantu bavuye mu barwananye intambara yo kwikura mu buja iyo batanguye kwicana, kwagirizanya, gupfungana,… Aho kwicarana ngo baje inama bubake umuryango ku neza ya bose, naho boneza neza abana babo baheza nabi. Naho abana babo ataco vyobatwara, abuzukuru babo baca baheza nabi cane. Uturorero turi henshi hirya no hino mu bihugu bibanyi!