

Hariho ibimenyetso bitari bike vyerekana yuko Abarundi bari mu bantu batubahiriza abajejwe umutekano wabo. Ku ruhande rumwe n’ukubera mu kirundi tuvuga ngo ikibano kirakengereza, ku rundi ruhande n’uko baba bababona yuko ataco babarengeje mu gashahara, mu nyambaro no mu kubaho kwabo.
Uko biri kwose, ntimuze mwibagire abitanze kugira u Burundi ntibugwe mu manga. Kubera ari abantu vyoshika bakagira intege nke, ariko ntivyotuma tuvugako ataco bamaze. Barakoze mugihe cabo mushime ivyo kandi hariho n’abandi biteguriye kwitangira umutekano w’igihugu.
Umuntu akunda igihugu abanza gukunda abacitangira mu mutekano no mubindi bisata kuko naho hari abakora amakosa bitwaje ububasha bahawe, hariho n’abandi b’intungane bo gutegwa intege mu kububaha no kububahiriza.