Amakuru mu kirundi y’Abatoranijwe n’Imana

Uhoraho Nyen’ijuru n’isi aratangariza abizera bose bashikamye mu gakiza ibi bikurikira:
  1. Uhoraho arababgira ngo ari kumwe namwe. Uhoraho arababgira ngo zigama umwe wese azigame ico yahawe kuko iki gihe ari ico kuzigama atari ico gutakaza. Abataye Uhoraho ngo yamaze kubatorera Kuko Uhoraho atari umwana w’umuntu . Kuko bikomeye Uhoraho abahamagariye kuzigama hatagira n’umunota mutakaza, ngo zigama ico mwavuganye n’Uhoraho.
  2. Uhoraho arababgira ngo mube maso. Uhoraho arababgiye ngo yabanguranije kandi arakuyeko igice ca wa munsi. Iyo ababgiye ngo ni mwakire inkomezi haba hari impamvu.
  3. Uhoraho arababgiye ngo isezerano ni ryarindi haguruka muyishime. Haguruka mutayaye isezerano ni ryarindi. Haguruka musimbasimbe isezerano ni ryarindi. Uhoraho arababgiye ngo ntabgo mugipfukama ahubgo shima . Amavi Uhoraho yamaze kuyakanda.
  4. Uhoraho arababgiye ngo ni mwakire ibitangaza bivuye k’Uhoraho. Ni mwakire kuvugirizwa impundu n’abamalayika kubgo ukwitanga kwahabaye.
  5. Uhoraho arababgiye ngo niwe yabangurukanije ntabgo ari umwana w’umuntu. Arateranya kandi akabangurukanya kuko ariwe azi ico ariko arakora.
  6. Uhoraho niwe Mutabazi niwe aguma kurugamba kandi aho rugeze yarahababgiye. Aho abavyeyi batari Uhoraho agire ahabe kandi ni mubikomeye.
  7. Uhoraho arababgiye ngo ni mwakire gukira agasuzuguro. Ingabo z’Uhoraho zirurutse ziraje kugwana . Ni Uhoraho azitumye.
  8. Uhoraho arababgiye ngo niwe agiye kubabera igisubizo ni mwakire inyishu z’ivyanyu vyose kuko umutwaro uri imbere Uhoraho yamaze kuwishura kuko yumvise gusenga.
  9. Uhoraho arababgiye ngo azoba muruhande rwanyu. Uhoraho ntazigera abatererana azobaba hafi mu bikomeye n’ibihambaye. Uhoraho azobagwanirira ntimukagire ubgoba kuko ariwe yabaremye. Uhoraho arababgiye ngo uburinzi budasanzwe bubabeko.