

Naho izi nkuru zandikwa n’aba bantu bativuga amazina atawoziha ukuri 100% ni vyiza kumenya ivyo abiyita yuko babikoze babivuga n’imvo batanga kugira ngo Abarundi bige kugendera mu kuri no gutinya Imana, na cane cane kugira ngo bahebe ubgicanyi. Umve ingene bandika uko vyagenze ngo bice izo ntwazangabo.
INTEGURO YO KUGARUKANA AKAGWI KA BUYOYA N’ABANDI KU BUTEGETSI.
Général atanga inkuru yagize ati: »Mwebwe nk’abanyamakuru murakunda inkuru za KARABAYE ,IBARA RIRAGUYE,IBOMBORABOMBORA n’ibindi nk’ivyo kuko niho mwinjiriza amahera mukamenyekana,
Natwe abanyepolitique canke abayegereye ntidukunda uwuvuga amabanga yacu kiretse tuyamwihereye,
Niho usanga abanyepolitique n’abanyamakuru twama dusekana dusa n’abansi. »
« Inyuma y’uko kwigabura kwa CNDD FDD,ka karwi kaciye kabona ko vyoroshe kugaruka ku butegetsi ,kibwira ko ivy’abagumyabanga biheze,mugabo système irafise incabwenge zidasanzwe Imana yaduhaye, ziri mu migambwe itandukanye n’ubwoko butandukanye,abo dukunda kwita ABAGABO(Abashingantahe n’abakenyezi b’abarundi b’incabwenge barota igihugu gisubirana ijunja n’ijambo). »
« Kubw’ako karwi,Nkurunziza ata Radjabu, yari inkware ivunitse,
Twararonse inkuru ziva mu begereye ako karwi twakoranye kuva tukiri ku rugamba,zituburira ku mugambi wo gutembagaza ubutegetsi wariko urategurwa ,kandi biteguwe neza,
Ako karwi kenumugambi kashaka kubanza gufata uburongozi bw’igisirikare nk’urwego rukoreshwa mu bikorwa nk’ivyo henshi nkw’isi, »
« Ako karwi karondeye uwokwiyegereza cane rwose Nkurunziza,akemera akamubera ingaruzwamuheto yiwe,gutyo niyamara kumwizera,akazoca amugira umushikiranganji wo kwivuna abansi,nawe akaza arereka Nkurunziza abo yoshinga amabanga mu burongozi bw’amakambi bitwa ko ari abizigirwa,ariko ari abahemu. »
« Uwari yatowe n’ako karwi kugira azogirwe umushikiranganji wo kwivuna abansi yari Général de Brigade KARARUZA ATHANASE,
Système yacu imaze kubimenya twararungitse intumwa zitari nke zisaba KARARUZA kuva inyuma y’uwo mugambi mubisha,we akishura ko ataco abiziko. »
« Bamwe muri twebwe barashavuye rwose kubona hari abarundi bakirota gusubiza igihugu mw’ihumbi biyobagije ingorane twagaciyemwo ,
Tubonye ko nya karwi kakenyeye,twarateguye umukenyuro w’itabarizo(plan de secours) uzokoreshwa amazi arenze inkombe . »
« Umurwi wa nyuma twatumye wareruriye Kararuza ko atabivuyemwo ashobora guhura n’ingorane zikomeye,
Amaze kubona ko bitoroshe,twarumvise ko yabajije Buyoya ko bobihagarika kuko vyamaze kumenyekana ,uri uwundi aramuremesha ko ari iterabwoba gusa,
Igikuru ari uko bamaze kwizerwa n’ Umukuru w’igihugu, umugambi ubwirizwa kubandanya ukuri kwamye. »
« Ivy’ibiganiro vyanse, twahavuye tuzana ya ngingo y’itabarizo,
Twaricaye turaraba uko vyokorwa n’uwobikora,niho hagira uwutanga iciyumviro, »
Uwatanze iciyumviro yagize ati: »Uwakoze igikorwa ca mbere(kwa Calebasse) bisabwa ko tumugerageza ko atakoresheje agatima k’ubwoko,
Nk’umututsi, atoba yakoze nk’uwikiza umuhutu,
Tumuhe uwo basangiye ubwoko nawe turabe ko abikora nk’uwukunda igihugu yanka ko kigwa mw’isanganya. »
« Ariko twaragize amakenga ko dushobora kumushinga ico gikorwa ntagikore,tuca dutegekanya iyindi mikenyuro,atabikoze hace haba abandi babikora nawe tukamuhaniramwo,
Ariko twasanze ari umukundagihugu,ata karigangamuhogo afise. »
« Nkurunziza vyaramunaniye kwihangana kubona yakwa abantu 2 yita abakunzi biwe (Calebasse na Kararuza) bikozwe n’umuntu umwe,
Yaratanze itegeko ryo guhagarika uwo mukuru w’ikambi na bamwe mu bamufashije biciye ku cariho c’umushikirizamanza mukuru wa repuburika yitwa Prosper Gashusho,bajanwa mu mpimba, »
« Gashusho yari atawe mu mutego na Nkurunziza kuko BAGORIKUNDA Valentin nk’umushikirizamanza mukuru yari yanse kwakira iyo dosiye nk’uwuzi bimwe mubiri mu ntambara twarimwo, »
« Nk’uko twabibabwiye, Système irinze ipfundika ingingo ku neza y’igihugu ntawitambika,
Chef d’État Major ubwiwe yaraterefonye Gashusho,aramusaba ko ivy’iyo dosiye y’abasirikare(umukuru w’ikambi na bengeziwe) yovyihoza,
Gashusho amurwiza n’ubusa kuko we yashaka kwishimirwa n’umukuru w’igihugu, »
« Hari amakuru twaronse yavuga ko Gashusho nawe yari mu bakoreshwa na kakarwi mw’ibanga,akaba arico gituma yemeye gupfunga abahagaritse umugambi wako bavyitiriye itegeko ry’umukuru w’igihugu, »
« Chef d’État Major yahavuye ahaguruka aja gukurikirana ivy’ abahungu biwe(abasirikare) , BAGORIKUNDA avyumvise yaciye aburira Gashusho ko ibintu vyakomeye akwiye kuva mu gihugu ntagwe muvyo atazi, »
« Déo BIGIRIMANA azwi nka RUTWE yari ajejwe ibohero rya Mpimba nawe yarashatse gutevya ibikorwa vyo kubasubiza umwidegemvyo,ariko chef d’État Major aramubwira ingaruka zavyo,mu nyuma biroroha. »
« Ico gihe, hariko haba ukunyinyurana gufatiye ku nguvu hagati y’impande 2,
Twategerezwa gukora ibikenewe vyose mu gukingira abemeye gushigikira uruhande rw’abagabo,
Umukuru w’ikambi n’abandi barasubijwe ku mirimo yabo,
Vyakozwe mu gacerere kugira ntibice ivutu abarundi. »
« Burya iyo ufise indoto y’ukwubaka, iruhande yawe haba hari abarota babomora kandi bakabishiramwo inguvu n’umwete mwishi,nawe udahagurutse ngo ubateshe uza kwibuka ingegene imisure yagurutse. »
« Abishe igihugu bagihereye mu mizi,ubutungane bwuzuyemwo abayoboke b’utwo turwi tw’abatemvyagihugu,kuhanagura bisaba inguvu nyinshi cane,mugabo kandi bigakorwa mu bwitonzi, »
« Uruyoka rw’ikibi rwaboshe Uburundi bwacu rwari rufise imitwe myinshi,ariko turayigenze tuyicagagura,
Vyanka vyakunda ububasha dutegerezwa kubukura mu minwe mibi bukaja mu minwe myiza,
Ntaco tutazokora,uko bukeye siko bwira tuzoteba dushike. »