Satani akomeza kwiha inkumbi akoresheje amashirahamwe y’ibanga ari mu gihugu cacu


inkuru ivurwa mu ntara ya Bururi Commune Bururi Aho hari umusore yitwa Élias w’umu plombier avuka muri Commune Vyanda ,yafashwe le 21/04/2024 ahaye isumu abantu bashika kuri 4 Barwariye mu Bitaro vya Bururi kandi aravyemera,Hama rero afashwe aca ariyemerera KO hariho Abo bakorana Ayo mabi kandi ngo we akora agahembwa 300000fbu iyo yishe umuntu,Hama ngo 100000fbu igasigara muri association yabo yo kuroga yitwa « Dufashe imana kwimbura » aravuga Abo amaze kwica baba Bururi Centre aranavuga abakirwaye yahaye Nya Sumu ryiwe batarampfa ariko rero ntiyavuze imiti bofata kugira bakire kuko hari abarwaye cane mubo yavuze amazina, aranavuga Abo yishe bashika 84 (abantu ) aranavuga amazina ya bamwe bamwe, ngo kandi ntaco baba bapfa aba yatumwe niyo association yiwe,rero ntibarahamagara imiryango yabuze ngo ize ababwire abamutumye kubicira Ababo Hama bahanwe,ikindi kibazo kihari Abo yoba yaradondaguye umurwi munini bikorana ariko ntibarafatwa ngo bagirweko amatohoza, ubu akaba afungiwe muri documentation ibururi
Ivyo bikaba vyabaye hamaze imisi abantu benshi ibururi bapfa giturumbuka abandi barwara bakaja kugura umuti wo kwirukisha Nya Shano bakabona gutora mitende
Abebegihugu bagasaba ko hoba umuco iyo association igafatwa yose.

Ibi vyose bishika kubera yuko abantu badafise kirera. Bakura atawubitayeho bakemera ibije ivyarivyo vyose. Umuryango, ishure, ishengero na leta ni inzego zahushije intumbero yazo muvyo zijejwe ku muntu. Zikwiriye gusubirwamwo, zikisubirako.