

Abarundi turi abantu batekereje mugabo biheza utuntu n’utundi. Turakunda kubazanya ariko hari igihe haba harimwo no kunegirana. Hariho ababaza yuko hari irindi hanga kw’isi riha ivyubahiro nk’ivyo umukuru w’igihugu, umutambukanyi wiwe.
Hariho n’abashika kure bakavuga yuko basomye amabgirizwa yanditse agenga igihugu cacu eka n’ayandi ngenderwako agenga n’izindi twaro zo kw’isi, abo bakavuga yuko bitabaho ahubgo bisa n’uko hoba hari intebe zibiri z’abakuru b’igihugu mu Burundi. Aho baba bagomvye kuvuga yuko Uburundi busa n’ubufise abakuru b’ibihugu babiri, abo n’abo bakaba ari umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe Angeline Ndayishimiye.
Ivyo babivuga bafatiye cane cane ku ngendo agira hanze y’igihugu abanje kugendura no guhabga ivyubahiro n’ingabo, ku nzadiko z’itangazamakuru zo ku kirimba c’umukuru w’igihugu nk’uko biboneka aho kumasanamu, no ku zindi ngingo uwo mutambukanyi w’umukuru w’igihugu afata na cane cane mu vyerekeye ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu.
Iyo Abarundi baguma bibaza utubazo twinshi n’uko haba hari ikitabandzera. Natwe ico dukora n’uko twoguma dusabira Uburundi n’abarundi umunezero, amahoro , ubutungane n’iterambere kugira ngo Uhoraho Imana yabidusezeraniye ibitushwazemwo.