Ibihe bigoye mu ntara ya Cibitoke
Cibitoke: Amahegitari hafi 10 y’amatongo n’imirima yo muri segiteri Rusiga, kw’ibarabara rya 12 rya Cibitoke muri komine Rugombo, niyo bivugwa ko yahitanywe n’igihomoka, kiri ku nkengera y’uruzi Rusizi. Abahegereye bavuga ko vyatanguye mu mwaka w’2012 ariko ko hasubiye gusidagurika kuri uyu w’Imana. Abahaba bamenyesha ko bariko barahahombera. Bafise ubwoba ko ivyo bihomoka bishobora kuzobahitana mw’ijoro […]