Abarundi batashe kuramukanya iwabo bavuye mu mahanga ntiboroherwa.

Imico n’imigenzo y’abarundi yarononekaye. Abarundi basigaye mu gihugu ntibasonera benewabo bataha mu buruhuko kandi biboneka yuko abategetsi b’igihugu batabinezwe. Umurundi avuye mu mahanga atashe iwabo, hariho abamwita umu koloni abandi bakamubonamwo amafaranga yo hanze yo kwamburwa. Hari umukenyezi yishwe bamusanze mu buraro mu gisagara ca bujumbura. Hari n’abandi birirwa barakubitwa bakamburwa ivyo bafise vyose harimwo […]