Umutekano: abakuru b’ibihugu batatu bishwe mu mwaka umwe mu karere k’ibiyaga binini.

Igenekerezo rya 6 Ndamukiza niho umukuru w’igihugu c’Uburundi Sipriyano Ntaryamira yagandagurirwa mu gihugu c’Urwanda ari kumwe na mugenziwe w’igihugu c’Urwanda. Aho hakaba hari haheze amezi atandatu gusa President w’umurundi Melchior Ndadaye agandaguwe n’abasirikare bamukuye mu kirimba.

Gushika ubu abantu benshi baribaza icokorwa kugira ngo muri ako karere habe amahoro arama kuko n’ubu haguma hanuka urunturuntu. Abantu bakwiriye kwama biga ivyo kuzana amahoro arama no kumenya ico Uhoraho Imana abagombako.