
Pierre Nkurikiye umuvugizi w’igipolisi yerekanye umugabo yivye abantu 8 imiriyoni 50 BIF yiyitiriye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye
Nk’uko vyasiguwe na #Pierre_Nkurikiye, ngo uwo mugabo yari afise karangamuntu ya mbere y’ukuri, hama aca agenda akoresha iyindi ya magendu aho yaciye yiyita ko ari Ndayishimiye Evariste hanyuma aca akoresha iyo nyene nshasha mu kwuguruza i nomero ya telefone muri lumicash kuburyo abo yaka amahera, yabaha iyo numero nyene yanditseko ko ari Evariste Ndayishimiye, kugira ngo abamurungikiye amafaranga haca hiyandikako izina ry’umukuru w’igihugu.
Nkurikiye abandanya avuga ko abo yagenda araka amafaranga yaca ababwira ko ari amafaranga agiye kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi, mbere kugira abemeze agaca abashiriramwo n’ijwi ry’umukenyezi ababwira ko ari maman Burundi. Ariko iryo jwi yashiramwo ni iry’uwo mukenyezi yitwa Nizigiyimana Françoise, bari kumwe kw’ifoto, bafatanya ico gikorwa ari nawe nyene yamuronderera abo yiba.
Ubusuma bgomonogoje ku buryo hariho n’abiyitirira umukuru w’igihugu. Harageze yuko ihanga ry’Abarundi rigarikirwa kugira ngo ryiyambike agateka.