
Umwigeme w’umuyabaga ari hagati y’imyaka 18 na 23 yakora akazi ku gucuruza ama unité na bimwe bita Lumicash yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo 04 Ndamukiza 2023 acumiswe imbugita mu mutima nyuma yaho yaravuye kugura ibintu kuri boutique.
Nyene gukora icaha akaba arumusore yitwa Vianney Nkunzimana Batazira #V_Day_Lee avuka muri zone ya #Muzinda ,komine #Rugazi mu Ntara ya #Bubanza.
Nkuko amakuru adushikira abitumenyesha, uyo musore ngo yoba yabonanye uwo mwigeme fone izimvye iri mubwoko bwa Iphone namafaranga vyari mugasakoshi gutyo abona gukora ico caha nyuma yaho uno mwigeme akomeye induru ariko arabimwaka ngwabitware. Iryo bara rikaba ryabereye muri zone #Rubirizi , komine #Mutimbuzi mu ntara ya #Bujumbura.
Uyo musore akaba yaciye ashikirizwa inyamiramabi vyihuta imbere yuko ashikirizwa ubutungane.
Turahojeje umuryango wabuze ndetse nincuti.