Gatumba-Bujumbura: Amazi y’imyuzure ya Rusizi yasubiriye kuhatera yimura abahaba.

Abenegihugu bo mu #Kinyinya ya mbere na #Mushasha ya mbere n’iya kabiri bari mu gahinda kenshi biturutse ku mazi y’uruzi Rusizi yazuye agashwara mu mihana y’abantu

Nk’uko bishikirizwa na Matata Jean Marie, umwenegihugu aba hafi y’uruzi Rusizi n’agashavu kenshi gaturutse ku kuba yaraye atewe n’amazi mu nzu, avuga ko vyaturutse ku mvura nyinshi imaze iminsi yuzuza uruzi Rusizi

Uyo mwuzurira watanguye kubatera ejo haheze bagiye kwisanga amazi yuzuye imihana. Ubu abantu bakaba basohora utwo batunze batereka kw’ibarabara kugira ngo inzu ntizihave zibabomokerako

Gahimbare Russie, nyumbakumi wo ku Rusizi, avuga ko abana n’abakuze baraye bahagaze kw’ibarabara kubera ubwoba bw’uko amazu yobasidukirako. Imibu, imbeho vyose ngo vyabarembeje. Avuga ko barindiriye iyo Reta ishobora kubimurira

Anamenyesha ko uyo mwuzurira w’amazi ya Rusizi yama yabateye buri mwaka, canecane mu bihe vy’imvura nko mu kwezi kwa kane. Basaba ko Reta yobubakira amadigi ku ruzi Rusizi nk’uko abajejwe gukinga ibiza n’isibe hamwe n’ubushikiranganji bw’ibidukikije bama babibijeje

Aho ni mu gihe umugwi w’igihugu ujejwe gukinga ibiza n’isibe no gutabara abo vyashikiye wari wamenyesheje ko hakenewe amadorari y’abanyamarerika 430.000, ayari amaze kuboneka akaba yari amadori 350.000, nk’uko vyashikirijwe na Nibaruta Anicet arongoye urwo rwego aho mbere yari yijeje abanyagatumba ko umwaka wa 2022 uzohera batanguye gukora amadigi kuri urwo ruzi

Ibimaze kwononekarira muri uwo mwuzurira waraye ubateye bikaba bitaramenyekana. Twarondeye Umukuru wa zoni Gatumba tukaba twamukenye

Uwubishoboye yofasha abari mu ngorane canke akabatabariza.