Nyanza-lac: Amabarabara aguma yiha inkumbi muze murava i muhira musenze

Muri Nyanza-Lac haravugwa imodoka yunguruza abantu yo mu bgoko bga Coaster, yarimwo ingenzi zirenga 32 yakorotse iva mw’ibarabara igakorokera mu kiyaga Tanganyika.

Gushika iki gihe uwuyinyonga ntiyari bgatorwe mu kiyaga kandi haravugwa n’abandi benshi baburiwe irengero. Amaraso y’abantu ni kimwe mu bintu bikomeye ubushobozi bg’ikuzimu bukoresha.

Birakenewe yuko abantu bose bihanye ivyaha vyabo kakezwa bama bahagarariye Ihanga ry’Abarundi mu gusenga bahagaze mu bihengeri.