Rumonge nk’abandi hose ibitungwa birateza amasanganya mu mabarabara

NyanzaLac : ibitungwa vyatumye imodokari igira isanganya

Imodokari yo mu bwoko bwa #Coaster yaraguye mu kiyaga #Tanganyika ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere. Iryo sanganya ryabereye ku mutumba #Rubindi , ni muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya #Makamba.

Abari hafi y’ aho iryo sanganya ryabereye bavuga ko « hari inka n’ intama zitatu zariko zirajabuka ibarabara. Iyo modokari igerageje kuzibisa ica ibandaniriza muri Tanganyika igwayo igaramye ».

Bivugwa ko hari abapfuye ariko bataramenyekana igitigiri. Abakomeretse bariko bavurirwa ku bitaro vya Nyanza-Lac no ku mavuriro ya #Mukungu na #Mvugo muri iyo komine nyene.

Mu gipolisi baremeza amakuru ajanye n’ iryo sanganya.

Aborozi barakwiriye kwiyuba gushira ibintungwa vyabo mu mabarabara. Iyo bagomba kubijambutsa ayo mabarabara naho bakabanza gufata ingingo zijanye n’umutekano w’ibarabara. Leta yoshiraho amategeko atomoye yo gukingira ingenzi zikoresha amabarabara mu gihugu.