Kayanza:Abantu batera baba inyamaswa ubutungane ntibigire ijambo.

Mu Kayanza : uwagerageje kwiba ku modokari yishwe aciwe umutwe

Olivier Niyonsaba w’imyaka 21, yaba ku gacimbiri #Gisoro , umutumba #Musave , uri mu gisagara ca Kayanza.
Yishwe n’ umushoferi anyonga imodokari itwara imizigo mw’ ijoro ry’ uw’ Imana rishira uwa mbere. Uwo muhungu ngo yari kumwe n’ abandi bikekwa ko ari abasuma. Bakaba bagerageje kwiba ifarine iri ku modokari itwara imizigo, ariko we ntivyamworoheye.

« Uwo Olivier ni we yuriye kuri iyo modokari kugira ngo ace imigozi iboshe iyo farine. Umushoferi amubonye yaciye ahagarara ubwo nyene, asohokana umupanga, amuca umutwe aca arigira. Vyabereye kw’ idepo … »

Mu muryango no mu kibano bavuga ko uwo Olivier yikekwa ko yari umusuma.

Gilbert Nyandwi , musitanteri wa komine Kayanza akavuga ko urwo rupfu rubabaje ariko agahamagarira bamwe mu rwaruka bafise ingeso y’ubusuma gukura amaboko mu mpuzu bakore bareke kwibaza ko bazobeshawaho n’ivyo batabiriye akuya.

Abantu bakwiriye kwikubita agashi bakareka kwihanira mugabo na leta ikwiriye gukeza urwego rw’igipolisi n’ubutungane kugira ngo abantu bose biture izo nzego.