Abarundi batashe kuramukanya iwabo bavuye mu mahanga ntiboroherwa.

Imico n’imigenzo y’abarundi yarononekaye. Abarundi basigaye mu gihugu ntibasonera benewabo bataha mu buruhuko kandi biboneka yuko abategetsi b’igihugu batabinezwe.

Umurundi avuye mu mahanga atashe iwabo, hariho abamwita umu koloni abandi bakamubonamwo amafaranga yo hanze yo kwamburwa. Hari umukenyezi yishwe bamusanze mu buraro mu gisagara ca bujumbura. Hari n’abandi birirwa barakubitwa bakamburwa ivyo bafise vyose harimwo amafaranga n’impapuro z’inzira. Eka mbere hariho n’ababurabuzwa n’abakozi ba leta bageze ku kibuga c’indege basubiye iwabo.

Kenshi haraboneka amatangazo nk’aya:”

Ukurangisha

Umushingantahe NSHIMIRIMANA Léandre avuka muri Commune BUTAGANZWA, Umutumba BUMBA, yari asanzwe aba Mugihugu ca Belgique akaba yari yaje gutembera Mu Gisagara ca KAYANZA, ararangisha impapuro z’inzira zibiri (2 Passeports) imwe yo mu Gihugu c’Uburundi iyindi yo mu Gihugu ca Belgique zatakariye mu gisagara ca Kayanza nyene hagati yo kw’idepo ya Brarudi no kuri monument de l’Indépendance.

Izo mpapuro zose zikaba zamutakaranye mw’ijoro ryo Ku musi wa Gatanu rishira uwa Gatandatu (Le 01/4/2023)

Uwotora izo mpapuro yozishikana ku Biro vya Paruwase KRISTU MWAMI yo ngaha mu KAYANZA nyene canke akazishikanira umupfasoni WABAGIRA Joconde umuganga w’amaso akorera Kw’idepo (Tél: 79959406)
Canke agaterefona uwitwa TWAGIRIMANA Letitsiya (69388305)”

Wumvirije imvugo z’abategetsi bamwebamwe, uca utagura yuko igihugu c’Uburundi gikeneye indongozi zisirimutse, zitahura ibintu n’ibintu mu kuri.

Abarundi twese duhagurukire rimwe kugira ngo turwanye ikibi uko gisa kwose. Ukuri kwitwe ukuri ibinyoma vyose vyigizwe kure.

Uhoraho Imana atabare Ihanga ry’Abarundi.