Mu mibano igihugu c’Uburundi kirakwiriye amategeko atomoye agenga ingo n’imiryango

Hariho abantu baguma bakizura ngo bariko bararondera abariko bararenga ibigo maze bagaca babajana kubapfunga. Abo bakora ivyo si abapolisi kandi s’urwego rw’igihugu nkuko ata tegeko na rimwe ryanditse bisunga mugukora ivyo.

I Muramvya: Bafashwe bariko barangura amabanga y’abubatse baca barahagarikwa!

Umugabo n’umkenyezi bo ku mutumba #Teka wa komine #Mbuye mu ntara ya Muramvya, bahagaritswe kuri uyu wa 04/04/2023, inyuma y’uko uwo mugabo afatiwe mu nzu y’uwo mukenyezi mw’ijoro ryo kuri uyu wa 02/04/2023

Uwo mugabo asanzwe ari umwigisha murezi bivugwa ko hari haciye igihe bamuhanura guheba ingeso yo gushurashura, kubera yari amaze gufatanwa akatari gake n’uwo mukenyezi nyene.

Mwomenya ko uwu mugore yahagaritswe ariko arenga ibigo asanzwe ari mu barongoye uwo mutumba wa Teka.

Basomyi mubona hokorwa iki ngo iyo ngendo yokurenga ibigo no gushurashura ituzwe mu bantu?

Muyinga: kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 5 Ndamukiza, Ku mutumba Kamaramagambo agacimbiri Ruyora 2 muri komine BUTIHINDA. Mugaturuturu niho umupfasoni NIBITANGA Generive w’imyaka 35 yagerageje gushahura umushingantahe wiwe NDUWIMANA Jérôme akoresheje urwembe. Umugabo akaba yakomeretse cane akaba yajanywe kw’ivuriro. Uwo mukenyezi nawe Ubu ari mugasho ka komine. Uwo mupfasoni tumubajije impamvu yakoze ivyo akabiha ko atakuguma wipfuza ikintu ukibura kandi Hari abirirwa barakironka batanagifitiye uburenganzira. ATI ndababaye kuba intumbero yanje ntayidhitseko neza ngo tukibure tukibonye twese

Umuntu wese arakeneye kwubahirizwa mu kubaho kwiwe. Uwihenze agahuburwa, uwurenze itegeko akabihanirwa hisunzwe amategeko yanditswe n’inzego z’igihugu.