Amasezerano y’ijuru, Ishengero n’igihugu ari hafi gushika uwutabibona n’uko atumva ijwi ry’Imana

UMUNTU WESE YIBAZA YUKO ATA MASEZERANO Y’IGIHUGU NAYO ISHENGERO AHARI N’UKO ABA ADASHOBORA KWUMVA IJWI RY’IMANA.

Ikintu ciswe amasezerano y’Imana ni ikinyegezwa kuri benshi kikaba ubupfu kubatizera kakaba n’akayobera bahinga ku muntu wese adashobora kwumva ijwi ry’Imana.
Hariho abantu benshi bashira ikiryoha muvyo amasezerano mbere bakanemeza yuko hari ico bumvise canke barose bakavuga yuko ari Imana yababariye kandi muvyo ukuri kwari ukwipfuza kwabo kwatumye bagira indoto canke bakumva amajwi yo mu mutima ariko ataco Uhoraho yababariye. Mwene abo barambirwa n’ingoga kandi babivuyemwo bavuga amajambo mabi yo guca intege abateramiye ayo masezerano.
Uwahawe isezerano n’Imana, yironkeye ijambo rivuye mu kanwa kayo akaronka n’ibimenyamenya yuko ariyo yavuganye nawe, uyo ntanyiganyiga naho ba sesa nkuyoze bohagurukira rimwe. Ahubgo uko bavuga yuko ayo masezerano atayahari canke yuko yasivye, wewe Uhoraho Imana iguma imwereka yuko ahubgo agiye gushika. N’ubu niko biri. Abahora bita imbere mukuvuga yuko bazi ivyo amasezerano gusumba abandi bararambiwe bamwe barabivamwo abandi bafatwa n’impwemu zo gukekeranya. Ariko tweho, Uhoraho Imana aguma atumenyesho yuko amasezerano yaduhaye ari hafi ngo turusheho kuyateramira. Twame twiyeza tuyateramiye kuko ari hafi kandi twamamaze Umwami wacu Yesu Kristo.