
WAME UNEZERERERWA UHORAHO IMANA MURI VYOSE KUKO NTIZOGUHEMUKIRA, NTAMUGOROROTSI WAYO YAHEVYE.
Aha munsi y’izuba hari vyinshi kandi havugwa vyinshi. Abantu benshi babayeho bijogota, bidoga bagatukana mbere bagashika no ku rugero rwo guhangara Uhoraho Imana mu majambo yabo kandi bakibaza yuko ari uburenganzira. Ivyo bishika kubera, ubgambere imico n’imigenzo vy’abapagani batazi Imana isigaye yarandukiye abitirirwa izina ry’Uhoraho Imana. Ab’Imana barakwiriye kwisa abapagani nabo bakisa. [2Abikorinto 6:14]
Ikindi gituma abantu bavuga ibibajemwo vyose n’uko cane cane mu Barundi twibaza yuko tuzi vyose, umuntu ataco yibanga akiyumvira yuko ivyiyumviro vyiwe ari ukuri canke ivyo abandi bahurijeko bica biba ukuri bigatuma uwariwe wese avuga ibimujemwo vyose.
Ukuri ntiguhinduka canke ngo guhindukizwe. Naho abantu bose bovuga yuko ikintu cirabura ceze ntibihindura yuko icirabura kiguma cirabura kandi yuko icera kiguma cera. Abantu imico yabo yokwononekara canke yoreka ijambo ry’Imana ryoryo riguma ari inkota ikarishe itandukanya igufa n’umusokoro ikanatandukanya mpwemu n’umutima kuko ntaho ryimirwa. [Abaheburayo 4:12]
Ntukaje kumohe y’abantu. Bagombe babe abavugabutumwa canke bahanuzi basizwe amavuta angana gute, uwuciye kubiri n’ijambo ry’Imana akagira inyifato n’imvugo itabereye ntakakunyiganyize. Benshi babongeka amajwi yabo nk’abuzuye Mpwemu Yera kandi ari uburyarya. Abandi bagerageza kuvuga amajambo meza menshi ngo bahimbare ababumva kandi ari amabingira mu mitima yabo.
Mw’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana nti twahamagariwe kwuzuza abantu mu mashengero yacu kugira ngo turonke ibigiracumi n’amamashikanwa birwiriye, ivyo biragahera. Tuvuga ubutumwa ijoro n’umurango tukama turiko turasenga kugira ngo abanyavyaha bihane bakizwe ntibaje muri gihonomu. Ivyo nivyo bidutandukanya n’amadini, ivyiyita amashengero n’imirwi y’abantu itandukanye. Umuntu wese yakiriye Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe, akihana, akezwa akama areretse amasezerano y’Imana y’ijuru, Ishengero no ku gihugu; uyo ni intama yo mu ruhongore rwa Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana.
Ntuba ugikangwa n’ingene abantu bakubona canke bakuvuga. Ntuba ugiterwa ubgoba n’imigambi ya satani n’imigabo y’abanyakibi kuko dufise isezerano yuko ibibi vyabo vyose Uhoraho Imana abihinduye imigisha yacu. Imivumo yabo iduhindukiye imihezagiro, amen! Umwami Yesu yamamare!