
UWITWARARIKA IVYUBUGOROROTSI N’IMBABAZI ARONKA UBUGINGINGO,UBUGOROROTSI N’ICUBAHIRO [Imigani 21:21]
Uko umutima wawe wibanga ukirinda kwiyanduza niko uba umunyakuri aho uba uri hose. Ukuri ni ikintu cananiye abantu benshi abato n’abahambaye. Urashobora kuba wama ushaka kugororoka uvuga ukuri mugabo ibinyoma bikakwitangira imbere. Aho ntaco kuko uba uzotinda ukabohoka kuko bituma uguma usenga utakamba ngo Imana igutabare yirukane ibinyoma maze ukuri kwiganzire muri wewe. [Abaroma 7:19-21]
Abantu basa n’abapfuye ni abibaza yuko ukubesha ataco bitwaye maze bakabikorana imirimo y’Imana, bakabisengana kandi bakagira amahoro mu mitima yabo nk’uko umengo ntibikoreye akaziri.
Abo naho bitwa abakozi b’Imana, abakijijwe canke ayandi mazina meza menshi ntibatinya kubesha no kubeshera abantu n’Imana. Ntibatinya gusobeka ibinyoma vyabo mw’ijambo ry’Imana, mu buhanuzi no mu masezerano y’Imana. Ntibanatinya kwambika iceyi n’urubga abandi bakozi b’Imana mu binyoma kuko barangwa na kameremere kabo bakongera bagasunikwa n’impwemu zihumanye gukora no kuvuga ibitabahesha icubahiro kandi bitanahesha icubahiro Imana.
Umunyabinyoma umumenya neza iyo ashavuye canke iyo afise ubgoba. Ntashobora kwiyumanganya iyo yihebuye canke ageze mukibazo kuko umutima wiwe uca wigaragaza. Ikinyoma kimeze n’kurumogi, ikiyovyabgenge n’akaranda mukwandukira. Ugendana n’abanyabinyima ugasa nabo. Umunyakinyoma nti yubaka arasambura kandi ntiyegeranya arasanzaza. Mu minsi y’amahoro womwihendako ukibaza yuko muri kumwe mu rugendo mugabo mu gihe co kugendana n’Imana uyo araguhinduka.
Umunyakuri ukugororoka kwiwe kumubera amababa amudugana mw’ijuru ariko umunyabinyoma, ukugabitanya kwiwe kuramuherekeza no mumva yiwe.
Mwiyambure ibinyoma vyose, uburyarya, ukwishanya, amajambo mabi n’ubugunge kugira ngo turamirize mu rugendo ruja mw’ijuru.