

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KW’IGENEREZO RYA 10, 11NA12/03/22
Hanga Ryera ry’Imana aho muri hose k’umubumbe w’iy’isi tubayeko, murazi yuko Uhoraho Imana yadutoranije ngo tube Ihanga Ryera ryiwe yiharije nkuko yari yarirobanuriye Ihanga rya Isirayeli igihe yaha ABURAHAMU isezerano, sogokuruza bacu mu kwizera; igihe yahindurira YAKOBO Izina akamwita ISIRAYELI. Uhoraho Imana yaratwirobanuriye ngo tumubere Ihanga ryiwe kubgo urukundo n’imbabazi ziwe, aduha isezerano ry’intahava aturongoza Mpwemu wiwe ijoro n’umurango ari nawe yamana natwe muri uru rugendo rwo kwizera turimwo.
Twatewe iteka kuba abaraganwa na Krito Yesu, twatewe iteka kuba abatoranirijwe gutwara umuvyuro n’ikanguro mu gihugu no kw’isi yose. Twatewe iteka kuba Ihanga Ryera ry’Imana, inyegu yiharije kandi twari inkengerwa mu yandi mahanga. Ubu rero harageze yuko duhaguruka tukegera Uhoraho Imana yacu ku buryo budasanzwe kanatsinda niwe yaduhamagaye adutumirira aya masengesho yo kwitanga guhera kw’igenekerezo rya 10 gushika kw’igenekerezo rya 12/03/2022. Nkuko aya masengesho adasanzwe, twahawe urufatiro n’urutonde rwayo bidasanzwe. Ababishoboye bose bazokwirinda kunywa no kurya iyo minsi itatu yose, abanda bazohora banywa kandi bafungura mw’ijoro gusa.
URUFATIRO
Nkuko twabimenyeshejwe n’ijuru nta kindi kitujanye muri aya masengesho yo kumara iminsi itatu twisonzesheje turi imbere y’Uhoraho Imana Isumba Vyose atari ukugira ngo TWEZWE GOSE [2 Timoteyo 2: 19-21] kandi DUHWEKERA IMBERE Y’IMANA [Ab’I Filipi 4:6-8, Abikolosayi 3:12-17]. Ibisigaye ni amabanga yayo.
URUTONDE
- Umunsi wa mbere w’aya masengesho, igenekerezo rya 10/03/2022 uzoba ari umunsi wo kwezwa gose. Umuntu wese ku giti ciwe n’aho azoba ari hose, azokwishira ku munzane, yirimbure kandi areke Mpwemu w’Imana amusuzume mu mpwemu, mu mubiri no muri kamere kiwe aheze agorore ibihoramye, atunganye kandi atunganire Uhoraho Imana n’abantu kugira ngo avugutizwe yezwe gose.
- Umunsi ugura kabiri w’aya masengesho, igenekerezo rya 11/03/ 2022 uzoba ari umunsi wo gusengera imitwaro y’ababoshwe mu mubiri no mu mpwemu kugira ngo nabo bazobone umwidegemvyo muri Yesu Kristo n’ubgiza bg’Imana. Muri aya masengesho, mw’izina rya Yesu Kristo, tuzobohoza abacu bose baboshwe [Matayo 16:19]. Tuzobohora:
- Ababoshwe n’ubushobozi bg’abarozi n’amangetengete,
- Ababoshwe n’igitsure co mu ngo n’imiryango,
- Ababoshwe n’ivyaha vyabizinfiriyeko bikanka yuko bakizwa,
- Ababoshwe n’impwemu zihumanye zidatinya icaha,
- Ababoshwe n’inyigisho z’ibinyoma bakanyegezwa ukuri,
- Ababoshwe n’imihari, imigambge n’amadini,
- Ababoshwe n’akaronda k’imiryango n’ibisekuru,
- Ababoshwe n’ubukene n’impwemu zihumanye z’inyatsi,
- Ababoshwe n’ingwara z’umubiri nizo impwemu,
- Ababoshwe n’ishavu, ishari n’inzigo,
- Ababoshwe n’impwemu z’amanyama, ubgibone n’ukwikakisha,
- Ababoshwe no kudahitamwo kuba ivyaremwe bisha,
- Ababoshwe n’impwemu zo gutambikiza muvy’Imana no muvy’isi,
- Ababoshwe n’impwemu zo gukorana imirimo y’Imana n’ivyaha,
- Ababoshwe n’impwemu zo gusengana ivyaha,
- Ababoshwe no gutambikiza mu madini babuze urutonde rw’Imana,
- Ababoshwe n’ibinyoma vyo kwibeshera no kubeshera abandi,
- Ababoshwe no kubeshera Imana ngo yavuze kandi ataco yavuze,
- Ababoshwe kubera impwemu zabo zatanzwe i kuzimu,
- Ababoshwe n’impwemu zabayoberanije zibacurikira ubgenge,
- Ababoshwe n’impwemu zo kutizera no kwisuzugura,
- Ababoshwe n’impwemu z’amacakubiri y’amoko intara n’imiryango,
- Ababoshwe no kwipfuza kw’umubiri n’impwemu,
- Ababoshwe n’impwemu z’akaborwe n’ibiyovyabgenge,
- Ababoshwe bagakubagurwa n’impwemu zihumanye zitandukanye.
- Mw’izina rya Yesy Kristo tuzoboha impwemu zihumanye zose zikurikiza Abera, abatoranijwe, abahawe amasezerano, Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Uhoraho Imana.
- Umunsi ugira gatatu igenekerezo rya 12/03/ 2022, ni umunsi wo guhwekera imbere y’Uhoraho Imana, twumviriza ico Data atubarira, impanuro ziwe n’iganuke ry’ijuru. Uwo munsi tuzoririmba ngo “SHITSA MANA SHITSA ISEZERANO”, tuzotazira, dushime, dutambe dutarike. Uzoba ari umunsi wa karuhuko n’amakoraniro y’Abera bose. Tuzokwigina Umwami wacu Yesu Kristo yimye ingoma mu mitima yacu no mu gihugu cacu.
Umuntu wese asabge gutumirira abagenzi biwe boze, incuti n’imiryango n’abo uzi bose aya masengesho yo kwezwa gose no guhwekerera imbere y’Uhoraho Imana. UMWAMI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO YAMAMARE!