» ICO UHORAHO AVUZE KURI VYINSHI BENSHI BIBAZA » :KUBERIKI INTAMBARA IGOMBERWA KUBAHO MU BURUNDI KANDI ZARAHACIYE ZITWARA BENSHI :
Intambara za haciye zaba ziteguwe na bantu buntu, hari ivyo bapfa, bakoresha inguvu zu mwijima, kugira ngo batware igihugu, bagasabwa kugira ivyo batanze kugira ngo baronke ubutware, habamwo gutanga abantu biciye mu nzira yo gutanga ibimazi vy’ a bantu i kuzimu mu nzira yi ntambara, ifatiye ku moko, ivyo mu bimenyera ku mutware ahari ubu, ashaka gutwara abantu ku nguvu na mategeko yivyo yahawe i kuzimu, bikaba bitamworohera gucishiriza mu nzira nkizo abo hambere bakoresheje zo gutanga ibimazi vyinshi vya bantu i kuzimu, mu nzira ya moko : Kubera iyi ntambara ya teguwe n’Imana, ku mpamvu zimwe mwahawe ni zindi zikinyegejwe, kubera abantu benshi ata mpwemu yo shobora guhangana na badayimoni bagwanira izo mpamvu ntizisohorwe batararonswa, bituma ivy’ i yi ntambara ari ngombwa kwiba batabisobanukirwa, kandi bakisanga nabo ubwabo babaye ibikoreshwa mu buryo bw’ i myuka ya badayimoni na satani, mu kurwanya urutonde rw’Imana kuri Isirayeli ya kabiri kugira ngo ntihabeho intambara, ahubwo ba karwanira amahoro aciye mu nzira bita ngo demokarasi, ariho benshi bamaze kwisanga bari mu mirwi ihangana ya poritike, imigambwe, amoko, no gushigikira ivyiyumviro biba bitejwe na badayimoni, bacishirije mu bakorana ni kuzimu aribo bategetsi, abantu batandukanye, badashaka yuko Inkota y’Imana ivisha amaraso.
NONE NI KUBERA IKI U BURUNDI BURIKO BUGENDERWA NA BANTU BAKOMEYE KWISI HAMWE NI BIHUGU BIKOMEYE KWISI KANDI BARIKO BAKORESHA UBURYO NI NGUVU VYINSHI KUGIRA NGO MU BURUNDI NTIHABE INTAMBARA :
Ibihe bibiliya yera isigurira abayemera na bizera, birerekana yuko ivya vugishijwe vyinshi bikomeje gusohora, ariho nibi vya isirayeli ya kabiri bitemerwa kandi bikekwaho ko ari ivya vugishijwe na bahanuzi batandukanye ni vyo Yesu kristo ya hanuye bizoba mu gihe ci herezo, aho hazokwaduka abahanuzi na bavugishwa bi binyoma bakazimiza benshi, gurtyo bituma benshi bahangana nu buvugishwa buvuga ivya isirayeli ya kabiri, kubera bamwe bati : Ntaho vyanditswe muri bibiliya yera, ntaho vyigeze bihanurwa muri bibiliya yera, aba bivugishwa na bahanuzi bi binyoma. Abahanuzi bi binyoma ntibaza mu buryo nkubwo aba hanurira Isirayeli ya kabiri baje be na bahanuriye Inkota y’Imana kwisi uhereye mu burundi ba bikora, kuko umuhanuzi wi binyoma, benshi mubazi mutabazi ati: gute : Amashengero ararwiriye kandi buri musi ahatandukanye kwisi havuka insengero zifise urutonde rwazo zisunga, zimwe ubu zirabishira ahabona mu kwemeza abaziroramwo ko satani ariwe Mana yabo, amashengero nayo ahasanzwe, muravye inyigisho zigishwa ubu, uburyo abantu bitirirwa kristo bitwara, n’Imana bemera, na Yesu Kristo bavuga , na Mpwemu yera bemera bitandukanye n’Imana yu kuri na Yesu kristo na Mpwemu yera bavugwa muri bibiliya yera, benshi bazimizwa nabo bitwa abahanuzi, abavugishwa, abungere bakorera mu nyubako arizo nsengero, ba bigisha ibihwanye nivyo akamere kumuntu gakunda, kugira bamwe baronke amahera, kugira ngo bamwe baronke abo basukamwo aba dayimoni baba bafise ari mu bikoreshwa bitandukanye bakoresha biba vya tanzwe ni kuzimu, kuza konona ubuzima nu bwenge bw’ u mwana wu muntu, kubera benshi bibiliya yera bayisoma ntibayitahure nkuko isigura, abandi batayisoma, baroroha guhendwa, hakoreshejwe ivyo bizezwa, uko baba bameze kose, hakoreshejwe imyuka mibi iba ikoreshwa nabo bitirirwa abakozi b’Imana, ubushobozi bwabo usanga buteye ubwoba ku bantu batazi umuhanuzi wu kuri, umuvugishwa wu kuri ibimuranga, ariho henshi musigaye mwumva, abakirisito basigaye barishwa, banyweshwa, babwirwa ibintu binateye isoni, binateye ishishi gukorwa ngo amadwara yabo, ibibazo vyabo bikemurwe, kubera abantu benshi Imana bayoboka ntabwo ari iyi Mana yu rudome rukuru yaremye ijuru nisi, niyi mana yu rudome rutoya ariyo satani, kandi ntibakizwa ngo nuko bamenye Imana nzima, ahubwo bakizwa kubera ivyo bashaka babironkeye inyishu yavyo, ariho bazirikwa ubuzima ba bayemwo na masatani bakuye muri ya mashengero Yesu kristo avuga mu gitabo ca Matayo 24 usomye neza urongowe na mpwemu yera, havuga hati: Ni mwumva ba babwiye ati : Kristo ari hano nti muze mujeyo, ni mwumva ba babwiye ati: Kristo ari hariya nti muzojeyo, benshi ayo majambo bayashira ku bahanuzi na bavugishwa ataribo ashitswako, ayo mashengero avuka buri musi, imihinyanyuro yu gutambira Imana, inyambaro abitwa ngo ni abakirisito bambara, nivyo bizobereka neza abahanuzi bi binyoma, abavugishwa bi binyoma, bayovya abantu benshi cane abaribo. Nti muze mwibaze yuko abahanuzi bi binyoma, abavugishwa bi binyoma naba ba bahanurira ivyiza bi banjirijwe Inkota no gukurwaho kw’a banyavyaha, kubera nta wushaka ku kuzimiza yo ku banziriza ibibi ngo akuronke. = Ivyo vyose bisigaye vyigishwa muri ayo mashengero atandukanye ya bakorana na satani, ariyo ateye imbere mukugira iyubako nziza, zubatswe kijambere, zinengesejwe neza, zisharijwe neza, zinjirwamwo na bantu benshi, abantu ubu haba mu bihugu birimwo abakene benshi, birimwo amajanyuma menshi uhereye mu burundi na handi hose, ariko ibiranga antikristo bikaba bishikayo, ni abo bategetsi bi bihugu, abakozi ba satani bakorana na bategetsi bayobora ibihugu, amashirahamwe mpuza makungu akorana nabo bategetsi, nivyo vyitwa ibiryohera umwana wu muntu bimunezera nki ndirimbo zisi, ubu atakizivugamwo atari uguteza abantu kwambara nabi, ubusambanyi, no gukunda ko imihinyanyuro batamba yinjizwe no mu ngoro y’Imana, birtyo vyorohere wa muntu avugwa na bibiliya yera azozimiza amahanga , umwe mu bakoresha imbonesha kure ba mubonera muri piramide wi jisho rimwe, akigira Imana, baba bariko barahereza ikaze. Niho hari ijambo mu rurimi rwa bazungu kurukoba bita : the new world order = insiguro yaryo mu gutahuza abasoma bibiliya yera cane cane igitabo ca Daniyeli na Yohana wo mwizinga ryi Patimo yahishuriwe ivyigihe ciherezo, ni umuzo w’ i si yu rutonde rushasha izoba irongowe na antikristo afadikanije nu muhanuzi wi binyoma, ariho kwisi yose bashaka gukora ibishoboka habeho amahoro, ayo mahoro akaba atanzwe nu mwana wu muntu, kugira ngo uyo mugabo ahabwe ikaze, mu rusengero { Ingoro nshasha } yo kubatswe i yerusalemu akaba ariho yo ganje amahanga yose, agahindura ibintu vyinshi na bibiliya yera akayihindura, agashinga amategeko nintwaro vyiwe, uburorero nu bwi bintu mubona abantu bariko bakunda kurusha ivyo bahora bakunda.
;: » SATANI ATEGURIRA ABANTU IBIBI, IMANA ITEGURIRA ABANTU IVYIZA ;: »
Nta gihwanye n’Imana nzima, nta wuhwanye n’Imana nzima= Yobu ntiyamenye ibiganiro vyabaye hagati y’Imana na satani, kandi nti yamenye aho vyabereye, kuko Imana ni Impwemu na satani ni impwemu, ariko Yobu ya bona ibimubako agakizwa nu kwizera kwiwe, na nubu benshi bashikirwa ni bibazo batazi iyo bivuye, ariko hari aho biva, satani yasaba Imana imurekure agerageze Yobu, natwe ibidushikira, nta na kimwe kitaba kivuye muri ya si tutabonesha amaso yu mubiri kuko ntabwo ari ivyacu mu gihe tutarahindurwa ngo tubane ubushobozi bwo ku bimenya no ku bibona.= Ku buryo u burundi aribwo bwatoranijwe kugirwa icicaro gikuru c’Imana muvyo izoba ihaye irakora kwisi kugira abantu bamenye Imana yu kuri, niko ni kuzimu ba bimenya bagakora imihigo kugira ngo ntibishoboke, kubona u burundi bwagendewe cane gose, bugirirwa inama zurutavanako, hafatwa ingingo zinarengera ibi bubamwo ufatiye ku mabi akorerwa ikiremwa muntu mu bihugu bigize iyi si, ariko u burundi bukaba aribwo buriko bwitabwaho cane gose kugira ntihabe intambara habeho amahoro ya bantu bifuza, ni kubera ari igihugu cisezerano , kigiye gutuma isi yose ironka umugisha, hashitswe ijambo sokuruza wa mahanga Aburahamu yasezeraniwe n’Imana, ati: Uruvyaro rwawe nzo rugwiza, kandi ku bwawe amahanga nzoyahereza umugisha, imigambi myiza y’Imana ikuzimu barayizi, nti muze mwifadikanya na baharanira ayo mahoro mu nzira abana ba bantu bariko barondera mutazi impamvu bariko bayarondera, kuko uwuri mu ruhande rw’Imana niwe mwana w’Imana, mu gendane mpwemu yera niho mu tazoshitsa ivyo akamere kifuza.
Amahoro. Shalom.
