<< TURI MU RUTONDE RWAHO IMANA IKUNDA GUKORERA IBINTU BITABA BIVUYE KU MUGAMBI WU RUTONDE RUBA RUHASANZWE KANDI RUTABA RUZWI NA BANA BA BANTU>>,,,IVYO BISIGURA IKI, ATI : INYUMA YU BUSA, IMANA IRAHAKORERA, AHO UBWENGE BW’ U MWANA W’ U MUNTU BUGARUKIRA NIHO U BW’ I MANA BUTANGURIRA,,,
Mu mwaka wi bihumbi bi biri, abantu benshi bari biteze umuhero, ntiwaza, benshi bari bizeye barataye ivyizero, nibo barwiriyemwo muri ino misi abahakanyi ba bibiliya yera, nibo baroga cane gose, bifadikanije, ni midyango ikorana na satani, kubera bahenzwe bakitegurira umuhero, abihana bakihana, kubera ubwoba ntibatahura canke ngo batahuzwe ico vyasigura, maze umuhero utaje,baciye batahura yuko babeshwe, vyari ibihuha vy’a bantu, vyari ibinyoma, niko gusubira inyuma kwa benshi, na bandi batari bizeye, bibatera kutemera yuko Imana ibaho, kandi ishobora vyose kuko bahatakarije vyinshi.= Ntabwo bwari u bubeshi yuko mu mwaka w’ i bihumbi bi biri, imyaka i bihumbi bibiri yari irangiye, hakaba hari hitezwe i kintu gishasha, kuko ibintu vyarahindutse, abantu uko ba bayeho kuva inyuma yu mwaka w’ i bihumbi bi biri kugeza na bugingo nubu, hariho ibintu vyinshi, vyahindutse kandi vyemeza yuko inyuma yuko imyaka ibihumbi bi biri itashe, hakoreka ikintu gishasha kwisi yose, ubu mu myaka iharurwa na bana ba bantu cumi n’ i tandatu tugezeko uhereye ku mwaka w’ i bihumbi bi biri, haba ibintu bishasha, havugwa ibintu bishasha, hakoreka ibintu bishasha { Binatangaje}, muri ivyo vyose, bitera bamwe na bandi, kwemeza ko ata gisigaye yuko Ishengero riduga, abandi bati : Isi ya raheze, abandi bati : tugeze kwisi iryoshe cane gose, ibintu bisigaye vyoroshe, abandi bati : twari twasizwe na majambere.
UKUBAHO KWA ISIRAYELI YA KABIRI KUTAVUYE MU VYAGEZWE VYERA VYA BIBILIYA YERA NAKO KUJE GUHINDURA IKI, KUJE KONGERA IKI, KUJE GUKORA IKI MURI INO MYAKA TURIMWO
Nkuko Imana ivuga ubwayo Yesaya 55: 9, iti : Mbere nk’ ukw’ ijuru ryitanguye isi, ni kw’ inzira zanje zitanguye inzira zanyu, n’ ivyiyumviro vyanje vyitanguye ivyiyumviro vyanyu.= Aho satani aba ariko ageza abantu mu buzimire, yisunga igihe yagerewe co gukora, kuko ivyo akora vyose akora amenya yuko agiye guhanwa , igihano gikuru yagerewe be nabamarayika bagenzi biwe aribo badayimoni kuva bakorowe mwijuru, : Turi mu myaka hashitswa vyinshi cane kandi mu bwihusi mu vyavugishijwe kera cane, bimwe ni vyiza ibindi ni bibi, ariko bitegerezwa gushitswa, nkuko Imana itamenyerwa, ikora ibihimbara umutima wayo, niko ni mbabazi zayo buri runganwe zigenda ziribonekeza mu nzira zo gutanga umuvyuro wu butumwa, abantu bakabohorwa mu maboko ya satani, bagakizwa neza, hakabaho niyimburwa rya bera be na banyavyaha, rero kubaho kwa isirayeli ya kabiri mu gihe benshi bahahamuwe ni rwira ryi vyaha, ribatera kwifuza gusa ko Yesu aza gutora ishengero, ahubwo bitera imbabazi nyinshi Imana ikamanuka gukiza abana ba bantu, kubera yaradukunze bituma itanga Umwana wayo ikunda Yesu kristo aze kudupfira, kugirango ubucuti hagati yu mwana wu muntu n’Imana bugaruke, = Abantu bitegereza ibishitswa bikabatera kwitegurira igaruka rya Yesu Kristo, nibo barwanya cane gose umuzo nukubaho kwa Isirayeli ya kabiri, kuko ubwabo bumvishwa na majwi ya satani ko batunganye, Yesu agarutse ko bo mubona, kubera arivyo bigishijwe, umusi wo kugaruka kwa Yesu kristo, imbere z’Imana siwo wihutirwa, hihutirwa imbabazi zizanira abantu agakiza, ariwo mu vyuro bakamenya vyinshi bibakura mu buzimire satani aba yateje isi igihe kitaba ari gito abana ba bantu ubwabo baba badashobora ku bwikuramwo, uburorero muri nabwo, bwa mashengero agwiriye cane gose, abayarongoye ibintu bakorera abayoboke babo, uruwumutima woroshe utovyihweza ngo wemere yuko Imana iriho, ni bindi bikorerwa mu mpisho bibonwa n’Imana. Nuko uwuvuga yuko akunda Imana ariko atarongorwa na Mpwemu wayo ngo amenyeshwe ivyo Imana iba itegura gukorera abantu, nubwo yo kwigisha abantu bagakizwa, agasengera abantu mw’Izina rya Yesu kristo, dayimoni zikumva izina rya Yesu Kristo zikava mu muntu, imbere z’Imana uyo nuwo gutsindwa nurubanza, kubera aba ari antikristo nkabandi, none wokunda gute Imana, kandi udashaka ko izana urutonde rwayo rukiza abantu benshi, urwo muba mwisunga ruba rwatewe na satani akaba arirwo akorerako mukuzimiza abantu benshi na wewe urimwo, maze ukirya akara yuko utunganye uri mu ruhande rwukuri kandi urwanya intumbero nziza y’Imana, ati : Hambonye abatari babisa, hamenye abatari bakwiriye kumenya.= Ico Isirayeli ya kabiri ije gukora, ije guhindura, izanye, igikuru muri vyose bidakenewe kuvugwa muri uno mwanya, ni agakiza ku bantu bazimijwe na satani, akoresheje abiyitira abakozi b’Imana, kuko nta muntu numwe ya hambiriwe kuba umushumba wa mugenzi wiwe, bisigura iki : Nimba usengera mwishengero runaka, ukoranira mwikoraniro rirongowe nu muvuga butumwa, ukwaba ari kose, ntakwiriye kuganza agakiza kawe, ntarekuriwe ku gutegeka uko ukwiriye kwizera kuko nawe imbere z’Imana aharurwa co kimwe na we kuko na we ufise Impano ya Mpwemu yera wagerewe yo gukora nkawe mu kuzana abantu kuri Kristo, iyo habonetse ubuhanuzi, ubutumwa, ubuvugishwa, imburi, nimba we agendana ivyaha utazi bimutera kutavyemera, ntuce wemera ivyaba akubariye, ja kukarago wihererane na Data wo mwijuru, bitayeko wisonzeshe usiguze, urabe ko so wo mu mpisho atakwishura, benshi muriko muzimizwa, nabamaze kuruhira mu murimo w’Imana, hasigaye ko bahanwa bakimburwa, nicogituma ubugararwa bwagwijwe kubera benshi, bashize ivyizigiro ku bantu buntu, nayo Imana ikabareka irabe aho bibageza, kuko nta muntu itinya, ngo yasezeranye gutya, ireke kugwiza uburake canke kongera igitigiri ca bazohanwa, kuko Imana ntiraba intango yu muntu muvyo gukizwa, iraba iherezo ryiwe.
Amahoro, Shalom.

Shalom! Yesu Kristo ahabwe icubahiro ijambo nagomba gushikiriza nuko nobasengera abiyumviye kugurura ino site Imana ibahezagire muze mushike kea Data wacu wo mw’ijuru kuko amajambo y’Imana n’intonde vyose bipanze neza cane .
Iyo nsomye amajambo ari kururu rubuga numva ndemye nkumva ko mbaye umuntu kuko iy’isi irimwo imibabaro myinshi aho umwana w’umuntu akwije ubwenge amenya ko Imana yo mw’ijuru Data yasize urupfu kugira buri muntu agire ubwenge bwo gutinya ariko benshi twama ngo wapi ntangorane jew kuva menye Israeli yakabiri nkamenya abisezerano niho natanguy kumenya neza na neza ijambo ry’Imana. Mubandanye mudushirirako amakuru cane cane aya y’Imana kugira natwe tuhakure ubumenyi bwo kuza turatangaza ubutumwa bw’Imana yacu .Yesu abane namwe yongere afashe abitanze kugurura uyu murongo hama naba basoma aya majambo Imana ibane nabo. Amen!
J’aimeJ’aime
Amen, murakoze cane Hamenyimana Moise. Yesu abazigame kandi abahezagire!
J’aimeJ’aime
SHALOM! IVYO NAHISHURIWE BUCA ARI ITARIKI 9 / 04/ 2016.
Nari maze igihe ntakambira Imana kubijanye nibigiye kuza mubucabuca bw’iryo joro niho naja munzozi Imana irambwira iti raba hejuru ndaterera ijisho niho nabona hejuru hari ishusho yirya foto benshi bakoresha nka Yesu .
Ahonyene nca mbona abantu batatu bambaye impuzu zera umwe muribo arambwira ati genda ubabwire ati :
Yantambara irashitse ntamwanya ukihari uti banguka ubabwire bihane kuko umwanya washitse.
Niko murako kanya naca niruka nja kwa mama nti mama nkuko nabikubwiye nti yantambara nama nkubwira uti yashitse kuko mama ntiyasenga ariko ubu arasenga cane kuva aho namuhanuriye ko yo kwama asenga ubu numukristo kuva nko mukwezi kw’indwi mumwaka urangiye.
Nca ndamubwira nti nimuhunge mwirukange .Nkivuye kwa mama mbona mukirere hadutse umuyaga utabagura yasanamu warukaze urandagura ibiti ninzu utera uza iyo turi nca ngomba gusubira inyuma mbwire mama ko yohava agahunga ariko babantu bambaye impuzu zera duhurira munzira bati ntuje kwa mama wawe twamaze kumubwira ko yohunga yahavuye .
Uti banguka uhave ndiko ndiruka nca mbona umuntu yicaye kuntebe nzi n’umwigisha aba mukaronda ndamubaza kuki wew utiruka armbwira ati wapi ndamubaza urya muyaga uragusiga kuko uyo nabonye mumyaka yahera bavuga ko yigeze kuba akora ibibi munyaka ya 1993.
Babantu barambwira iruka wew ntubona ko abandi bagusize ati kandi urabona abo birutse nibo bagiy gukira kuko ntamwanya uhari va ngaha hama niho nabona yashusho iguma ivamwo umuyaga ntaco wasiga . Yesu ashimwe kurabo bose baza gusoma ubu bua .
Amajambo arimwo uti mwihane kandi uti ntamwanya ukihari kuko igihe cageze uti mwitegure mwirukange mubabwire ko bokwihana kandi murabe numuyaga uje .
J’aimeJ’aime