Umwanditsi umwe yanditse mugitabo ciwe yuko abarundi batari bake bafashwe ningaraka zivyago vyagiye birashikira abarundi ntiyabeshe. Twehweje avyo abantu biyitirira politike bavuga canke bandika mubinyamakuru, twumvirije ivyo amaradiyo yitirirwa abarundi akorera kurubuga rwa internet, dusuzumye amatangazo abantu bikanguye mugatiro bahita bandika maze bagasinya biyitirira imirwi yitwaje ibirwanisho nimigabi ifise, twovuga tuti ni Ukuri turarwaje.Benshi bagize ubuhumvyi urudandazwa abandi bagize akarimi ivomo. Abo bose bagize abanyagihugu n’abanyamahanga inka yisawarire ikamwa ntiyigere iteka kubera yuko babigira mwiterabwoba ngo abenegihugu babaterere ayo bacisha kuwepfo. Abandi nabo bazi yuko abazungu ari bansesa nkuyoze bagira bati uwutema urwiwe tumutiza umuhoro maze amafaranga ni Ibirwanishwa biza kumara abarundi bakabisukira abo biyitirira imirwi atanaho ihagaze. Ivukira aho ku mpapuro igasandabira aho nyene.
Benshi barifata amajwi bakiyitirira uyu canke uriya, abandi bakandika udukete bakadusinya bose bakiyita intwazàgabo mu ntwaramiheto mvejuru. Uravye ningendo zabo bakigenza nkabategetsi bahambaye bafise iyindisi batwara. Abo ntibari mubagenda barabundabunda muriki gihugu cacu c’uburundi gusa. Eka nabari hanze mumakungu harimwo nabahora bafise amabanga ahambaye ntibasigaye inyuma. Murabazi bama bishira kuntonde ngo naka ajejwe iki uwundi ajejwe iki ukamengo uburundi butwarirwa mu bubirigi canke mubindi bihugu. Ivyo vyose ni ibimenyetso vyerekana yuko abarundi benshi bashikiriwe namakuba iki gihugu cacu cacuyemwo. None abari kubutegetsi bazomera nkabandi bareke ibintu biyangare ! Reka ahubwo bo nyene barayabgaye kuko uravye ingene bigira ba sindabibazwa mugihe abarundi isinzi birirwa baricwa abandi bangazwa ni ibimenyetso sindamusiga vyerekana aho uburundi bugeze.
None hokorwiki ? Twebwe Abisezerano turafise uko tubibona. None mwebwe mubibina gute? Muratwandikire mubitubarire kuko mutatwandikiye twebwe tuzobikora tutababariye kandi ntitukwandika nkaba bakurikira.
Imana yo mw’ijuru itabare uburundi n’abarundi ibashitse mw’isezerano yabasezeraniye.
