Igisabisho co kwitegurira Pentecote.

VOICI NEUVAINE DE PENTECÔTE IGISABISHO C’IMINSI ICENDA CO KWITEGURIRA PENTEKOTI Y’2016:Ijambo ngenderwako : KUGIRA MBE UMUNYAKIGONGWE NDAKENEYE

 INGABIRANO ZA MUTIMA MUTAGATIFU (Lk 4, 16-19)

I. Ugutumira aba Kristu ngo muri uyu mwaka wa yubile y’ikigongwe c’Imana, baje hamwe nk’umuryango basaba kandi barindirira hamwe M.M

II. Ku munsi ku munsi : kuzirikana ibikorwa vy’ikigogwe vy’umutima n’ingabirano za M.M dukeneye ngo dushobore kubirangura. N’iminsi ibiri tuwokwiga tukongera tugakoramwo ibikorwa vy’ikigongwe vyerekeye umubiri.

III. Ku munsi wa gatanu (8ème jour de la neuvaine) : nta nyigisho ihari hazorangurwa igikorwa c’ikigongwe gikorwa n’umuntu canke mu mirwi hanyuma abantu bakazosabikanya uko babibayemwo, n’aho hoba inyuma ya pentekoti, kumbure vyovyara n’ubutumwa bobandanya kuko vyaberetse ubukene buri mu muryango barimwo batahora bazirikanako. Mu kwitegurira ico gikorwa hotangwa amashikanwa mu mwanya w’igisabisho azofasha abazogenda mu butumwa bw’ibikorwa vy’ikigongwe vyo ku mubiri (impuzu n’isabuni, ibifungurwa biramba, amahera…)

IV. Iminsi yose hakavugwa igisabisho co gusaba ingabirano za Mutima Mweranda (St Alphonse Marie de Liguori) 

V. Nta mwanya wo kwirega utegekanijwe mu gisabisho paruwase yose izoraba ingene ibitunganya mu kiringo cose ca neuvaine

VI. Abatararonka akaryo ko guca mu mu muryango Mweranda bobitunganya muri iyo minsi ya neuvaine, aho bishoboka ku murango wo kuwa gatandatu 14/5 imbere y’imisa yo gusozera. 

Umunsi Igikorwa c’ikigorwa c’ikigongwe n’ingabirano za M.M Ivyiyumviro shimikiro Ijambo ry’Imana

1. Kuwa gatanu 

06/5/2016 – Intangamarara ku gisabisho cose

– Guhanura abijijanya imitima  ingabirano y’ubuhanuzi. – Kubanza kumenya n’ukugendera ineza, ubwitonzi

– Nawe akavyereka abandi

– Mutima niwe atwigisha akongera akatwibutsa ijambo ry’Imana Imigani 4, 10-15 Yoh 14, 15-26

2.Kuwa gatandatu

07/5/2016 – Kwigisha abantu batamenya vyinshi 

 Ingabirano y’ubumenyi 

– Kuburira no gukebura abacumuzi 

 Ingabirano yo y’ubwenge – Bomenya gute atawubigishije

– Mutima w’ukuri, Mutima w’umuco, atugira ivyabona

– Guhanura umuvukanyi ni igikorwa c’ukwubaha Imana n’ugutumirira abandi kuyubaha.

– Ni ubutumwa butangwa n’Imana

– Bushobozwa na M. M Dn 12,3

Ibik 1, 6-8

Ez 3, 18-21 

Mt 18, 15-18

3. Kuw’Imana

08/5/2016 – Kuremesha abaruhijwe Ingabirano ubwitonzi. – Duhoza abandi kuko twahojejwe kandi tukaremeshwa n’Imana

– M.M atugira abungere b’abandi ( Gusabikanya mu mirwi ya 5 mu minota 10, ico umuntu yasigaranye mu nyigisho zimaze kuba) 2 Kor 1, 3- 7 Ibik 20, 25-28

4.Kuwa mbere

09/5/2016 – Kurekurira abaducumuyeko

 Ingabirano y’ubukomezi n’iy’Ukwubaha Imana. -Yozefu arekurira benewabo

– Dawudi: Imana indinde kukugirira nabi 

Iyo umuntu utamurekuriye, umugira umunyamahanga kuri wewe, 

– Uwo yarapfuye mu buzima bwanje,

– Ntakibaho iwanje

– Nsincishikira mu nzu, mu rubanza, mu makuru yiwe,

– ntituganira, ntamenya ivyanje nanje simenya ivyiwe kandi yari uwo twubakanye, uwo tuvukana, umuvyeyi,… Amamuko 45, 1-15

1 Sam 24, 1-21

5. Kuwa kabiri

10/5/2016 – Kwihanganira abatadushika ku mutima batugora

 Ingabirano y’ubukomezi. 

 – Nimwengengane

– kwakira ibikugora mu wundi, mu buzima (événements et circonstances),

– kwambika agashambara uwakikuyeko

– kwitsinda 

 – Kol 3, 12-15

– I Kor 13, 1-13

– Amamuko 9, 18-23

6. Kuwa gatatu

11/5/2016 – Gusabira ku Mana abazima n’abapfuye

 Ingabirano y’ugusenga. – kubera iki dusabira abapfuye?

– birafise akamaro gusabira abapfuye?

– twobasabira gute? 

Hojaho akanya k’ibibazovyishurwa n’uwigishije canke ugusabikanya mu mirwi ya 5 mu minota 10, ico umuntu yasigaranye mu nyigisho zimaze kuba)

 2 abamakabe 12, 42-45

1 tes 4, 13-17

7. Kuwa kane

12/5/2016 Ibikorwa vy’ikigongwe vyerekeye umubiri:

– Gufungurira aboshonje

– Guha ico banywa abanyotewe

– Kwambika abagenza gusa

– Guha indaro ingenzigusasha abagwaye

– Kugendera abari ,w’ibohero

– Gufubana iteka abapfuye 

– Ukwisonzesha guhimbara Imana 

– Ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo bato bato tuvukana ni je mwakigiriye

– Ukwemera kutagira ibikorwa kwarapfuye – Iz 58, 1-12

– Mt 25,31-46

– Yakobo 2, 14-17 

8. Kuwa gatanu

13/5/2016 Gukora Ibikorwa vy’ikigongwe vyerekeye umubiri

9. Kuwa gatandatu

14/5/2016 Imisa yo gusozera Gukenguruka kandi hojamwo gushinga intahe ku vyiza vyavuye muri neuvaine Ibisomwa